Accueil > Amakuru > Mu makungu > Haiti : Abanyagihugu bari ku munsi ugira kabiri w’ikigandaro
Haiti : Abanyagihugu bari ku munsi ugira kabiri w’ikigandaro
lundi 10 Gitugutu 2016, par
Mu gihugu ca Haiti bageze ku munsi ugira kabiri, mu minsi itatu y’ikigandaro yatanzwe, bibuka abahitanywe n’igihuhusi Matthew, cahitanye abantu hafi amajana icenda mu bumanuko bw’ico gihugu.

Amazu ibihumbi n’ibihumbi yarasambutse, abantu 350.000 nabo bakeneye imfashanyo zihutirwa , nk’uko bimenyeshwa na Reta ya Haiti.

Ikiza ca Cholera caje gusongera isibe muri ico gihugu, aho abantu benshi bamaze guhitanwa n’iyo ngwara, mu gihe hari ubukene bw’ibifungurwa, n’imirima yononekaye.
Uwo muyaga w’igihuhusi witiriwe "Matayo" warashitse kandi mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Amerika, gihitana abantu 10. Haciye haba umwuzure munini, umuyagankuba uracika hamwe n’inzu nyinshi zasambutse mu ntara za Florida, Georgia na Carolina, muri Reta zunze ubumwe za Amerika.
IGIHE
Messages
10 Gitugutu 2016, 10:11, par Nkurikiye Jean Berchimas
Imana N,ihe Uburuhukiro Buhoraho Abitavye Abagwaye N,abashonje Ibakize Yongere Ivyure Imbabazi Idukingire Ibitero Vy,umwansi.
11 Gitugutu 2016, 06:03, par Mbonimpa Tofiro.
Turahojeje Reta ya HAITI nimiryango yose yaburiye ababo murico gihuhusi!.ntibagiye umurafiki wanje asazwe ava murico gihugu yitwa LALI,naho haciyimyaka 2 tutabonana yi hangane ntakundi. Abasazwe bamuzi muri afrika yepfo bamushikanire ubutumwa.
11 Gitugutu 2016, 20:30, par EGIDE
IMA IBAKIRE