Haracari imirongo y’abasaba amakarata karangamuntu ku musi wa nyuma w’iyandikwa

Yanditswe na BIKORIMANA Vianney
Kuya 17 février 2018 saa 12:09
6855
0 0

Naho kur’uyu wa gatandatu igenekerezo rya 17 Ruhuhuma 2018 ariho igikorwa co kwandika abazokwitaba amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro kirangira,muri kano gatondo hari hacibonekeza imirongo y’abantu barondera ikarata karangamuntu kugira biyandikishe.

Umukuru w’umurwi wigenga ujejwe gutunganya amatora mu Burundi CENI, Pierre Claver NDAYICARIYE yamenyesheje ko uno musi wa gatandatu ari ntarengwa mu gikorwa co kwandika.

Pierre Claver NDAYICARIYE yamenyesheje ko igitigiri c’abari bamaze kwiyandikisha gushika ku munsi wa kane igenekerezo rya 15 Ruhuhuma 2018 gishimishije.

Uwo arongoye umurwi CENI yavuze ko igikorwa co kwandika gitegerezwa guhagara kur’uyu wa gatandatu igenekerezor ya 17 Ruhuhuma 2018,kandi ko n’abasanzwe babafasha mu vy’uburyo babizi.

Amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro rishasha ryahinyanyuwe ategekanywa kuzoba mu kwezi kwa Rusama uyu mwaka wa 2018.


Kumenyekanisha

1
Nkundayesu Romuald 17-02-2018 à 16:58

abnt ni besh nibongez ikiringo cokwandika

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha