IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umuhinyanyuzi > IKOH Multiservices igiye gushira ahabona ’’You’ll Love Changes (...)

IKOH Multiservices igiye gushira ahabona ’’You’ll Love Changes VolIII’’

jeudi 11 janvier 2018

Haruna IKORICIZA avuga ko mu ntumbero yo gusozera ikigabane ca kabiri ca You’ll Love Changes, hatunganijwe ibiteramo bitatu mu ntara za Gitega, Makamba na Bujumbura, aho abaririmvyi bari mu kigabane ca kabiri baherekejwe n’abantu benshi hamwe n’abaririmvyi benshi.

Kubwa Haruna IKORICIZA, yabaye amahirwe kw’ishirahamwe arongoye IKOH Multisevices yo kubana n’abakunzi b’umuziki hamwe no gukorana n’abaririmvyi batandukanye, mu biteramo vyo gusozera umugambi ikigbane ca kabiri ca You’ll Love Changes.

Haruna IKORICIZA aremesha abaririmvyi ko bitaheze, kuko mu mezi abiri gusa ikigabane ca gatatu ca You’ll Love Changes kigiye kuja ahabona, kandi abakigize bazoba bamze ku menyekana.

Umukuru w’ishirahamwe IKOH Multiservices arasigura ibisabwa kugira umuririmvyi ashobore kwemerwa gukorana na IKOH Multiservices mu bigabane vyaryo You’ll Love Changes.

« Dusaba ko aba ari umuririmvyi afise indero, umuririmvyi azi umwuga wiwe akaba afise n’imigambi myiza mu mwuga wo kuririmba, yandika neza indirimbo, akaziha kandi insiguro. »

JPEG - 176.2 ko
IKORICIZA Haruna, arongoye IKOH Multiservices

Haruna IKORICIZA avuga ko mu migambi yabo yose ata gukumira kurimwo, baba abagitangura umwuga canke abawumazemwo iminsi, uwukwije ibisabwa wese arashobora kuronka uburenganzira bwo gukorana na IKOH Multiservices.

Haruna IKORICIZA ahamagarira abaririmvyi kwitaho abandi, bagakora bibaza ko babumviriza kandi bababona, kandi bagakora cane.

Mwomenya ko mu kibane ca kabiri c’umugambi You’ll Love Changes, IKOH Multiservices yakoranye n’abaririmvyi babiri Double-Jay wo mu ntara ya Gitega, hamwe na Franck Duniano wo mu ntara ya Makamba.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.