IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > ’’Ibiganiro bidakumira bibereye hanze nivyo vyotorera inyishu ikibazo (...)

’’Ibiganiro bidakumira bibereye hanze nivyo vyotorera inyishu ikibazo c’Uburundi’’

mardi 19 Nyakanga 2017

Mu rwandiko ishirahamwe OLUCOME ryashize ahabona rwerekana icokorwa kugira ibijanye n’intwaro n’ubutunzi bisubire kumera neza mu Burundi,ishirahamwe OLUCOME risaba abafasha Uburundi kwumvisha impande zifise ivyo zidahurizako mu Burundi, na cane cane Reta kwemera kwitaba ibiganiro atawe bikumira kandi ata gisabwe.

Muri urwo rwandiko ishirahamwe OLUCOME risaba abo bafasha Uburundi kwumvisha Reta ko yohagarika umugambi wo guhindura ibwirizwa nshingiro, gushika ibiganiro bihuza abarundi bigize ico bibivugako kandi bigatanga uburenganzira ko bikorwa.

Ishirahamwe OLUCOME risaba Reta y’Uburundi kwemera ibitagenda neza no kwemera gukorana n’umurwi w’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ukora amatohoza ku Burundi kandi ugakorera mu Burundi.

Ishirahamwe OLUCOME rirangiza risaba ibiro vy’umuhuza kumenya no kudondora abari intambayi za poritike na cane cane abari ku butegetsi kuko aribo badashaka gusabikanya n’abandi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.