Ibihano Amerika yari yafatiye Sudani vyakuwe

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 7 Gitugutu 2017 saa 12:45
Yasomwe : 5958
0 0

Igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika cakuye ibihano vyari vyafatiwe igihugu ca Sudani inyuma yo kwagirwa ko gitanga imfashanyo ku migwi y’abihevyi hamwe no guhungabanya agateka ka zina muntu mu ntara ya Darfur.

Amerika ifashe iyo ngingo mu gihe umukuru w’igihugu Donald Trump yaheruka gufata ingingo mu kwezi guheze yo gukura Sudani ku rutonde rw’ibihugu vyafatiwe ibihano, abantu b’ivyo bihugu bakaba batari bemerewe kuja muri Reta zunze ubumwe za Amerika.

Sudan nico gihugu conyene cakuwe kuri urwo rutonde, Reta zunze ubumwe za Amerika ishikiriza ko Reta ya Khartoum yubahirije ibihano mpuzamakungu vyari vyafatiwe igihugu ca Koreya ya Ruguru, mu kudakorana nayo.

Umwe mu bategetsi ba Amerika yamenyesheje ko iyo ngingo yafashwe inyuma y’utwigoro Sudani yakoze nk’ibijanye no kugwanya iterabwoba, gutatura amatati mu banyagihugu hamwe no gutanga inzira kugira imfashanyo z’abanyagihugu zishike muri Darfour.

Tubibutse ko Sudani yari yafatiwe ibihano bijanye n’ubutunzi kuva mu mwaka w’1997 kikaba kitari cemerewe gushobora kugura ibigwanisho hamwe no kuronswa imfashanyo itangwa na Amerika.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha