IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ibihano Uburundi bwafatiwe n’ubumwe bwa Buraya vyateye ikibazo

Ibihano Uburundi bwafatiwe n’ubumwe bwa Buraya vyateye ikibazo

lundi 22 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Muri iyo nama, ibihugu bigize ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko bitaratera umukono kuri ayo masezerano vyamenyesheje ko bititeguriye kuyemeza igihe cose ibibazo bihari bitaratorerwa inyishu.

Kw’igenekerezo rya mbere 1 Nyakanga 2016, niho umushikiranganji w’Urwanda ajejwe ubudandaji hamwe n’uwa Kenya bashira umukono ku masezerano y’ubudandaji hagati ya Afrika y’ubuseruko n’ubumwe bwa Buraya (EAC-EU EPA). Ico gikorwa cabereye mu gihugu c’Ububirigi. Ibindi bihugu biri muri uwo muryango wa Afrika y’ubuseruko bivuga hakiri impungenge zituma ivyo bihugu bitaratera umukono kuri ayo masezerano, aho akaba ari mu gihe ari amasezerano ya EAC n’ibihugu vyose.

Ayo masezerano ategekanya uburyo bwo kwugurura imbibe ku bidandazwa, n’amakori agakurwa ku bidandazwa bimwe bimwe.
Abakurikirana ivy’ubudandaji muri Afrika y’ubuseruko bavuga ko biboneka ko igihugu ca Kenya arico kibifisemwo inyungu nyinshi, kuko arico gifise ibidandazwa vyinshi kirungika mu bihugu vya Buraya.

Ku ruhande rw’Uburundi, ikibazo gikomeye gituma ico gihugu kitaratera umukono kuri ayo masezerano, n’uko ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ryafatiye ibihano Uburundi, n’amafaranga yahora ahabwa Reta arahagarara.

Igihugu ca Tanzaniya naco nyene kitaratera umukono kuri ayo masezerano kivuga ko mu gihe yokwemezwa, ashobora kugira ingaruka zikomeye kw’iterambere ry’amahinguriro yo mu karere ivyo bihugu birimwo, hamwe n’ingaruka ku makori y’ivyo bihugu.

Mw’itangazo ryasohowe inyuma y’iyo nama igira iya 18 y’abakuru b’ibihugu vya EAC yabereye i Dar Es Salaam kuri uyu wa gatandatu, bavuga ko ibihugu bitaremeza ayo masezerano bititeguriye kubikora igihe cose ivyo bibazo bizoba bitarasobanurwa ku mpande zose.

Umukuru w’igihugu wa Uganda, Yoweri Kaguta Museveni, ari nawe arongoye muri uwu mwanya ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko, yamenyesheje ko mu kwezi kumwe, azoba yavuganye n’ubumwe bwa Buraya, ashikirize ivyo bibazo vyose vy’iryo shirahamwe.

Umukuru w’igihugu Museveni yagaragaje ko ibihano ubumwe bwa Buraya bwafatiye Uburundi ari ikibazo gikomeye kiri no mu biriko bituma Uburundi budashobora gusinya kuri ayo masezerano igihe cose ivyo bihano bigihari, ico akaba ari ikibazo kiraba umuryango wose nk’uko yabishikirije. Yamenyesheje ko adatahura ibihano ubumwe bwa Buraya bwafatiye Uburundi, avuga ko atumva rero ingene Uburundi bwotera umukono ku masezerano y’ugukorana n’ishirahamwe ryabufatiye ibihano. Yasavye ko hoba ibiganiro vy’impande zompi, kuri ivyo bihano.

Inama y’abakuru b’ibihugu vya EAC yafashe ingingo ko amezi atandatu niyahera ivyo bibazo bitaratorerwa inyishu, abagize uwo muryango bazoca basubira gukorana, barabe namba ibihugu vyemeje ayo masezerano vyoyakoresha vyonyene, ababonamwo ibibazo nabo bakayareka.

Iyo nama yari yitabwe n’umukuru w’igihugu ca Uganda Yoweri Kaguta Museveni, umukuru w’igihugu wa Tanzaniya John Pombe Magufuri, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi Gaston SINDIMWO, icegera c’umukuru w’igihugu ca Kenya William Ruto, umushikiranganji w’ubudandaji François Kanimba yaserukiye umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul KAGAME, hamwe na Aggrey Tisa Sabuni, umuhanuzi w’umukuru w’igihugu ca Sudani y’epfo, Salva Kiir Mayardt.

Messages

  • Jewe barantangaza kuvyo bavuga!, ngo ntibabona igituma ibihugu vyaburayi vyarafatiye ibihano Uburundi?, nihonkibona yuko amaryanga Nkurunziza yakoze yoguhonyanga ibwirizwa nshingiro ryi gihugu, ni rya arusha muri tanzania, bamwe muba perezinda basazwe biyita ngo ninabobahuza basazwe bashigikiye Nkurunziza mubabi yose yakorewe abenigihugu!,.Twebwe abarundi dusazwe tudashigikira ubukozi bwikibi ubwaribwo bwose turavyiyamirije ivyo vyashikirijwe nuwo Yoweri kaguta Museveni yiyita ngo numuhuza wabarundi.
    Turashigikira ibihano vyafatiwe igihugu cacu, nibihugu vyaburayi, kuko urumuntu witwa ngurafise ivyiyumviro vyogukunda uburundi nabarundi ntiwoshigikira umuntu yahoneje inganda, nogufata abagore nabigeme kunguvu.
    Tuboneyeho gusaba abarundi bijunja nijambo gukoruko bashoboye, bagende basiguririre birya bihugu bisazwe vyafatiye ibihano Nkurunziza, yuko uwitwa museveni nuwusazwe amufasha Mkapa, kwataho batandukaniye na Nkurunziza, bishobotse bakurwe kurutonde rwabokumviriza abarundi.Kuko ntanivyobashoboye, kandi ntanaho bazigera babishobora,umubuvyi winkono iyo yaturiye inkono iyizorama ayibona ahirikare.

  • Kumbura ubitahure ntakuntu wokwiyumvira nk’umukuru w’igihugu nawe uri umunyagihugu utari n’umwenegihugu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.