IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > ’’Ibihano bikomeye bihabwa abana bimwe biva ku kwihebura mu miryango.’’-FENADEB

’’Ibihano bikomeye bihabwa abana bimwe biva ku kwihebura mu miryango.’’-FENADEB

lundi 15 janvier 2018

Mu gihe haheze iminsi hari inyifato y’abavyeyi bamwe bamwe aho iyo bafashe abana mu makosa nk’ayo kwiba babahana gushika naho babakomeretse, Jacques NSHIMIRIMANA arongoye FENADEB avuga ko bitari bikwiye gukorwa muri iyo nzira, kuko mu gihe umwana akwije imyaka ahanwa n’amategeko, mu gihe naho atarakwiza imyaka, umuvyeyi akaba ariwe yishura ivyo yononye.

Kubwa Jacques NSHIMIRIMANA, imvo zituma abavyeyi bamwe bamwe bagira inyifato yo guhana abana ku rugero rukomeye zishobora kuba zishingiye ku bubegito bwabo bavyeyi baba bafashe abo bana canke ukwihebura kw’abo bavyeyi.

Umukuru wa FENADEB ati : « Kuba hari abavyeyi bahana abana gushika kur’urwo rugero rwo kubakomeretsa, bifise imvo bivako nyinshi. Bishobora kuva ku bibazo biri hagati y’abavyeyi canke hagati y’imiryango. »

JPEG - 44.2 ko
Jacques NSHIMIRIMANA,Umukuru w’ishirahamwe FENADEB

Jacques NSHIMIRIMANA asigura kandi indyane z’amatongo hagati y’imiryango hamwe n’uko ikibano kiba kimeze muri rusangi, bituma abana bahanwa ku rugero rurenze urwari rutegekanijwe n’amategeko.

Umukuru wa FENADEB agasigura ko mu gihe hari abantu bapfa ibitandukanye, abana b’umwe bagakora ikosa ku bintu vy’uwundi, ari inyanduruko yo kubahana ku rugero rurenze, mu ntumbero yo kwihora.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.