IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibihugu bifise abasirikare muri Somaliya bisaba ONU kubangira ku ngingo (...)

Ibihugu bifise abasirikare muri Somaliya bisaba ONU kubangira ku ngingo yafashe

mardi 6 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Mu nama y’abakuru b’ibihugu n’abashikiranganji b’ukwivuna abansi b’ibihugu vyarungitse abasirikare muri Somaliya iheruka kubera i Kampala mu gihugu ca Uganda, ivyo bihugu uko ari bitanu (Burundi, Kenya, Uganda, Ethiopie na Djiboutie) vyasavye ko iyo ngingo ya ONU y’uko abo basirikare boba bakuwe muri Somaliya imbere y’impera z’umwaka w’2020 yobangira, kugira abasirikare ba Somaliya babanze bahabwe inyigisho, n’uturere tukiri mu minwe ya Al Shabaab dufatwe.

Uburundi bugira kabiri inyuma ya Uganda, mu bihugu bifise abasirikare benshi muri Somaliya. ONU yafashe iyo ngingo ko abo basirikare bose boba bakuwe muri ico gihugu mu gihe Uburundi bwashaka ahubwo bwotanga n’abaporisi bakeneweyo.

Umushikiranganji w’umutekano w’Uburundi Alain Guillaume BUNYONI aheruka gusaba ko Abaporisi b’Uburundi botangura kurungikwa muri AMISOM. Mw’ikete yandikiye mugenzi we Alain Aimé NYAMITWE ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, umushikiranganji Alain Guillaume BUNYONI ajejwe umutekano w’Uburundi yamusavye ko yovugana n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, agasaba ko imirwi ibiri y’abaporisi b’Abarundi barimwo n’intwazangabo 60 borungikwa mu bikorwa vya AMISOM vy’ukugarukana amahoro muri Somaliya.

Nk’uko biri muri iryo kete, umushikiranganji Alain Guillaume BUNYONI avuga ko ivyo vyokorwa mu ntumbero y’ugushira mu ngiro ivyasabwe mu ngingo y’2372 y’inama y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yasavye ko horungikwa muri Somaliya abaporisi bagera ku gihumbi kimwe na mirongo ine (1040).

Muri abo baporisi 1040 bakenewe muri Somaliya, umushikiranganji Alain Guillaume BUNYONI avuga ko Uburundi bufise imirwi ibiri (Deux unités) yahawe inyigisho, ifise ibikoresho, kandi yiteguye ku rugero rusabwa n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika.

Uwo mushikiranganji avuga kandi ko mu ntwazangabo z’abaporisi zikenewe aho muri Somaliya, Uburundi bufise izikwije ibisabwa n’amategeko, agasaba umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu kuvugana n’ubumwe bwa Afrika, kugira mu baporisi bazorungikwa muri AMISOM mu gihugu ca Somaliya, Abarundi bazobe barimwo.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.