Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ibihugu vyo muri G7 ntivyashoboye kwumvikana
Ibihugu vyo muri G7 ntivyashoboye kwumvikana
mardi 11 Ndamukiza 2017, par
Abagize G7, inama y’ibihugu biteye imbere kurusha ibindi, ntibashoboye kwumvikana ku bihano vyofatigwa Uburusiya na Syria.
BBC dukesha iyi nkuru ivuga ko abashikiranganji b’imigenderanire n’amakungu bariko barondera guhuriza ku nyishu rusangi ku ndyane zo muri Syria, imbere y’uko umushikiranganji w’imigenderanire ya Amerika aja mu Burusiya kugondoza ico gihugu c’Uburusiya kuva kuri Syria.

Ivyo bihugu vyemeye ko ata nyishu ishobora kuboneka ku ndyane ziri muri Syria, mu gihe umukuru w’igihugu Assad akiri ku butegetsi.
Ivyo Ubwongereza bwasaba ko abasirikare bakuru bohabwa ibihano, navyo nyene vyigijwe hirya.

Iyo nama yabera mu gisagara ca Lucca mu Butaliyano, yakurikiranye n’igitero co muri Syria, bivugwa ko hakoreshejwemwo ubumara.
Syria yarahakanye ko itigeze ikora igitero c’ubumara ku gisagara ca Khan Sheikhoun kigenzugwa n’inyeshamba mu ndwi iheze, igitero cahitanye abantu 89.
IGIHE
Messages
11 Ndamukiza 2017, 18:23, par .
Ndabona hariho abariko barihutisha intambara y’Isi lll.
Raba ibihugu bikize vyayingiyemwo ibihugu bikenyenavyo ngo yopfuma iba hako ibihugu bikize bikomeza kurwamaraso yabanyagihugu bomubihugu bikenye bibicishije mukubateza ivyago.