Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Mu makungu
Ibikorwa vya Amnesty International vyahagaritswe mu Burusiya
Yanditswe taliki ya 3-11-2016 - isaha 09:10' na IGIHE

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu kw’isi, Amnesty International, ryahagarikiwe ibikorwa vyaryo mu gisagara ca Moscow mu gihugu c’Uburusiya. Iyo ngingo yafashwe na Reta y’Uburusiya.

Abakozi b’iryo shirahamwe bari bazindutse ku kazi nk’uko bisanzwe, basanze inzira ishika aho bakrera yugawe. Imiryango y’inzu ikoreramwo abakozi ba Amnesty International mu gisagara ca Moscou yari yugawe n’amagufuri mashasha.

Muri iryo shirahamwe bakamenyesha ariko batigeze bamenyeshwa iyo ngingo yafashwe n’ubutegetsi bwa Moscou, kandi ko ata n’insiguro zatanzwe.

Ishirahamwe mpuzamakungu Amnesty International mu Burursiya ryari rimaze iminsi risohora ivyegeranyo vyiyamiriza ukuntu agateka ka zina muntu muri ico gihugu butubahirizwa, ubutegetsi bw’ico gihugu nabwo bukiyamiriza ivyo vyegeranyo.

Ivyiyumviro vyanyu

Ubutegetsi bwomuburusiya busazwe buzwi kwarubwambere muguhohotera agateka kazinamuntu, cokimwe nubutegetsi bwahano muburundi.Ntawe vyotangaza, kuko umunyakibi ntahoyonezerwa nukwibibi vyiwe bijahabona.

4.11.2016 à 05:09
morodikayi.

Ntagitangaje kirimwo kuko ntaco uburundi bwokwiyamiriza ngo uburusiya bucemere akataraza karimunyuma rindira nubushinwa bubirukane

3.11.2016 à 20:20
Bikonkoro

Komera putin tuza izo hene ziguma zidurumbanya isi zitwaza ngo zihagarariye amashirahamwe.bibaza ngo n.uburundi

3.11.2016 à 19:15
kagame@gmail.com

Ewe Burundi uri intwari ubu nicogihu gisigaye gitanga akarorero kivyabandi batinya hama bagakurikira.niraca biraza bakaba badakuyeho ibihano ahubwo bagiye gusigara bonyene abobazuguzungu bazunguriwe mumitwe mukumvira no kurongogwa mumatwi na bamujeri.hahahaaa we ngona tuone.

3.11.2016 à 15:25
Nibishikane

mwagira ngo nuBurundi gusa none bose babaviriye hasi

3.11.2016 à 09:39
nyandwi

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.