Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Mu makungu
Ibikorwa vya OTAN mw’ibahari Indien vyahagaze
Yanditswe taliki ya 25-11-2016 - isaha 10:08' na IGIHE

Ishirahamwe ry’ukwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, (OTAN) ryahagaritse ibikorwa vyaryo vya gisirikare mw’ibahari Indien, inyuma yuko ibitero vy’inkozi z’ikibi zikorerera mu mazi z’Abanyasomaliya bigabanutse.

Igisirikare kirwanira mu kirere c’igihugu ca Danemark, caragize ibikorwa vya nyuma vy’ukugenzura ibahari Indien, ibikorwa vy’ishirahamwe OTAN.

Ibikorwa vya gisirikare vy’ishirahamwe OTAN vyarafashije mu kurwanya ibikorwa vy’inkozi z’ikibi zikorera mu mazi. Ivyo bikorwa vyarimwo kandi umuryango w’ubumwe bwa Buraya, Reta Zunze Ubumwe za Amerika, n’ibindi bihugu vyigenga.

VOA ivuga ko indege z’ishirahamwe OTAN zahaguruka zivuye mu mazinga ya Seychelles, zikaba zarafashije cane mu gikorwa c’ukurwanya inkozi z’ikibi zikorera mw’ibahari Indien.

Umusirikare mukuru w’inteko zirwanira mu kirere z’igihugu ca Denemark amenyesha ko zagize igikorwa ca nyuma mu mazi y’ibahari Indien, akavuga ko ishirahamwe OTAN rizosubira kubandanya ibikorwa vyaryo vy’ukurwanya inkozi z’ikibi zikorera mu mazi igihe icarico cose, haba mu karere Somaliya irimwo, canke mw’ibahari Atlantike.

Ivyiyumviro vyanyu

Baraza mu Burundi tubereke ico tubarusha nubwo budege bwabo no muri somali barananiwe twebwe ntitunanirwa.

26.11.2016 à 19:43
Nene Nelson Joe

Baraza mu Burundi tubereke ico tubarusha nubwo budege bwabo no muri somali barananiwe twebwe ntitunanirwa.

26.11.2016 à 19:42
Nene Joy Nelson

NIBATAHE BAZIGUHOTERA IBIHUGU BITOBITO NNE MURI SOMALIA BAMAZE IKI ABANTU NTIBAGUMA BAPFA KUMWANYA KUWUNDI NIBATAHE NTAVYABO KUKO AFRICA TWARABAHINYUYE

25.11.2016 à 10:32
willynshimirimana

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.