IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibiri mw’itegeko ry’ukwiyamamaza mu matora ya "EGO" canke "OYA"

Ibiri mw’itegeko ry’ukwiyamamaza mu matora ya "EGO" canke "OYA"

lundi 23 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Ingingo ya mbere y’iryo tegeko iratomora ko abashigikiye ko ibwirizwa shingiro rihinyanyurwa bazovyerekana mu gutora "EGO", abatabishigikiye nabo bakazotora "OYA."

Ingingo ya kabiri y’iryo tegeko ivuga ko ukwiyamamaza mu matora y’uguhinyanyura ibwirizwa shingiro kuzotangura kw’igenekerezo rya mbere Rusama 2018 igihe c’isaha cumi na zibiri z’agatondo, umunsi wa nyuma w’ukwiyamamaza nawo akaba ari kw’igenekerezo rya 14 Rusama 2018 igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba. Iyo ngingo ya kabiri ivuga ko ukwiyamamaza inyuma y’ico kiringo kutemewe, mu ngingo ya 13 akaba ariho bavuga ko uwutazokwubahiriza iyo ngingo azohanishwa ihadabu ry’amafaranga y’amarundi ari hagati y’ibihumbi amajana umunani n’imiriyoni zine.

Mu ngingo ya gatandatu, iryo tegeko rivuga ko imigambwe yose yiyamamaza hamwe n’abigenga bafise uburenganzira rw’ukuvugira mu bimenyeshamakuru vya Reta ku rugero rumwe, urwego CNC rugasabwa kugenzura iyubahirizwa ry’iryo tegeko ku migambwe yose hamwe n’abigenga biyandikishije.

JPEG - 18.9 ko
Iryo tegeko ryateweko umukono n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA kuri uwu wa mbere

Mu gikorwa nyezina c’ukwiyamamaza, ingingo ya cumi ivuga ko atawurekuriwe gutuka, gutyoza canke kurengera uwundi yaba mu majambo, canke ahandi ahariho hose. Ingingo ya 11 nayo ikaba ibuza abiyamamaza gukoresha uburyo bwa Reta. Uwuzorenga kuri iyo ngingo azohanishwa ihadabu ry’amafaranga ari hagati y’ibihumbi amajana umunani n’imiriyoni zine.

Iryo tegeko rivuga ko umuntu wese azotanga ruswa, amafaranga canke ibindi bintu kugira agure iciyumviro c’uwutora canke abatora, azohanishwa umunyororo wo kuva ku mwaka gushika ku myaka itatu n’ihadabu kuva ku bihumbi amajana umunani gushika ku miriyoni umunani, kimwe muri ivyo bihano bibiri.

Mu masaha y’akazi, ingingo ya 12 irabuza abiyamamaza gutanga impapuro ziriko ubutumwa bw’ukwiyamamaza, ubwo butumwa nyene bukaba bubujijwe gutangwa mu mashure, muri za Kaminuza, izigenga n’iza Reta. Umukozi wa Reta azofatwa ariko ariyamamaza mu masaha y’akazi, nk’uko biri mu ngingo ya 14, azohanishwa ihadabu ry’amafaranga y’amarundi ari hagati y’ibihumbi amajana abiri n’ibihumbi amajana ane.

Ingingo ya 18 ari nayo ya nyuma y’iryo tegeko, imenyesha ko umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora (CENI) ariwo ufise igikorwa c’ugukurikirana iyubahirizwa hamwe n’ishirwa mu ngiro ry’iryo tegeko.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.