Igihugu ca Koweit cirukanye uwuserukira Koreya ya Ruguru

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 18 Nyakanga 2017 saa 10:20
Yasomwe : 11700
0 0

Inyuma y’igeragezwa ry’ibisasu vya Missiles n’igihugu ca Koreya ya Ruguru,ubutegetsi bw’igihugu ca Koweit bwirukanye uwuserukira ico gihugu.

Igihugu ca Koweit cafashe iyo ngingo yo kwirukana uwuserukira igihugu ca Koreya ya Ruguru, mu gihe arico conyene mu karere k’abarabu cari gisigaye gifise uwuserukira ico gihugu.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko ata makuru avuye mu butegetsi bwa Koweit araja ahabona, ariko bamwe mu bategetsi babwiye abamenyeshamakuru ko uwo aserukira igihugu ca Koreya ya Ruguru yahawe ukwezi kumwe ngo abe yagiye, bikavugwa ko ibikogwa vy’ubuserukizi bizosubizwa hasi.

Iyo ngingo y’igihugu ca Koweit ifashwe haheze hafi indwi zibiri umutegetsi akomeye w’igihugu ca Koweit atembereye Washington.

Igihugu ca Reta Zunze ubumwe za Amerika naco casavye amakungu guhagurukira Korea ya Ruguru, kubera umugambi wayo w’ibirwanisho ruhonyanganda vya nucléaire


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha