Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igisirikare c’Ubushinwa n’Uburusiya kirwanira mu mazi catanguye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Igisirikare c’Ubushinwa n’Uburusiya kirwanira mu mazi catanguye (...)

Igisirikare c’Ubushinwa n’Uburusiya kirwanira mu mazi catanguye imyimenyerezo

mardi 13 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Ubushinwa n’Uburusiya vyatanguriye hamwe iminsi umunani y’imyimenyerezo y’igisirikare kirwanira mu mazi, mu karere k’ibahari ry’ubumanuko bw’Ubushinwa.

Igihugu c’Ubushinwa kivuga ko iyo myimenyerezo, irimwo n’igikorwa co kwigana ifatwa ry’izinga, ari imyimenyerezo isanzwe.

Ni ubwa mbere iyo myimenyerezo ibereye mw’ibahari ry’ubumanuko bw’Ubushinwa, aho ico gihugu kivuga ko hacegukira, ariko ibihugu bibanyi bikavyiyamiriza.

Uburusiya nico gihugu conyene c’igihangange cashigikiye Ubushinwa, igihe sentare mpuzamakungu yavuga ko Ubushinwa butari mu kuri mu kwigarurira ako karere, mu kwezi kw’indwi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.