IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ihuriro "WARP 2016" : Ugukomeza amahoro hamwe n’uguhagarika intambara

Ihuriro "WARP 2016" : Ugukomeza amahoro hamwe n’uguhagarika intambara

lundi 7 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Abantu bavuye mu mihingo itandukanye y’isi yose bahuriye hamwe i Séoul muri Korea, mw’ihimbazwa ry’ihuriro ry’amahoro (Sommet pour la Paix) ryabaye kuwa 18 Nyakanga 2016. Nk’uko bama babigenza uko umwaka utashe, muri iryo huriro bariko bahimbaza amasezerano y’amahoro n’uguhagarika intambara yateweko umukono kuwa 14 Ntwarante 2016.

Iryo huriro ryari ryitabwe n’abategetsi barenga igihumbu baserukiye ibihugu birenga 130, rikaba ryari ryatunganijwe n’ishirahamwe mpuzamakungu "Culture céleste, Paix mondiale et Restauration de la Lumière" (HWPL).

Mu majambo yashikirijwe mw’iyugururwa ry’ivyo bikorwa, abategetsi batandukanye bibukije ko intambara zikwegera abantu mu ndyane, zigasiga ubwoba hamwe n’ukwihebura. Abafashe amajambo bahurije ku gushikiriza ko bakwiye gushira inguvu hamwe kugira bakomeze amasezerano y’amahoro n’uguhagarika intambara. Nk’uko babishikirije, amahoro akomejwe niho amabi akorwa mu ntambara atosubira kwibonekeza.

Man Hee, umukuru n’ishirahamwe mpuzamakungu "Culture céleste, Paix mondiale et Restauration de la Lumière" (HWPL) yasavye abitavye iryo huriro bo mu bihugu bitandukanye ko bohamagarira abakuru b’ibihugu babo hamwe n’abaserukira amashengero atandukanye ko botera umukono ku masezerano y’amahoro n’uguhagarika intambara, kuko aribwo buryo bw’ugukunda isi hamwe n’abayibako.

Ivo Josipović yahoze ari umukuru w’igihugu wa Croatie yagize ati : « Amasezerano y’amahoro n’uguhagarika intambara, hamwe n’utwigoro dutandukanye tw’ishirahamwe mpuzamakungu "Culture céleste, Paix mondiale et Restauration de la Lumière" (HWPL), niryo shimikiro ry’uguhagarika ubugizi bwa nabi bukorwa kw’isi."


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.