IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Imfashanyo ONU yatanga ku banyagihugu ba Siriya zahagaritswe

Imfashanyo ONU yatanga ku banyagihugu ba Siriya zahagaritswe

mercredi 21 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryatangaje kuri uwu wa kabiri ko rihagaritse imfashanyo zose ku banyagihugu ba Siriya, inyuma y’aho imiduga itwara imfashanyo agizweko ibitero vy’indege hafi y’igisagara ca Aleppo.

Ivyo bitero bikaba vyahitanye abanyagihugu hamwe n’abakozi b’ishirahamwe "Croix Rouge" rijejwe gutabara imbabare.

Umuvugizi w’igisata ca ONU citaho impunzi, Jens Laerke, yabwiye abamenyeshamakuru ko hakwiye gufatwa mu maguru masha ingingo zo gucungera umutekano muri Siriya.

Laerke yamenyesheje kandi ko iyo miduga yatewe yari itwaye imfashanyo zigizwe n’ibifungurwa hamwe n’izindi mfashanyo zitagizwe n’ibifungurwa, ku bantu bashika ibihumbi 78.


IGIHE

Messages

  • murabazungu gusa ni mumarane mwumve ingene bimeze ubona na America vyogenda nkuko no mububirigi no mubufaransa ndibazako isi yoronka agahengwe

  • Abanyafrica tureme twiringirimana yomwijuru kuko itaburukwibigenza,igiye kuzana akavuyo mubihugu byabazungu babure ukobibasira Africa kuko ibyabo byaragaragaye kontarukundo rubirimo.Icyakora abanyafurica dukwiye kujya hamwe tukareba ukwibihe bimeze nuko twabyitwaramo,amahoro mubanyafurika arimumaboko yabo ubwabo nihagwiramo ba mpema yuzuye nabamutanyurwa umwijima wicuraburindi nitwe nawo!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.