IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imigambi itandatu y’Uburundi yashizwe muri 17 yihutirwa muri (...)

Imigambi itandatu y’Uburundi yashizwe muri 17 yihutirwa muri EAC

vendredi 2 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Inyuma y’inama isanzwe igira cumi n’icenda y’Abakuru b’Ibihugu bigize Umuryango w’ibihugu vyo muri Afrika y’Ubuseruko yabereye i Kampala, mu gihugu c’Ubuganda kw’igenekerezo rya 23 Ruhuhuma umwaka w’2018, aho hemezwa imigambi itari mike yerekeye guteza imbere ibijanye n’inyubako hamwe n’amagara y’abantu mu karere Uburundi burimwo.

Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, ari nawe yaserukiye umukuru w’igihugu c’Uburundi muri iyo nama, amenyesha ko imigambi itandatu y’Uburundi ariyo yashizwe ku rutonde rw’ivyihutitwa.

"Uburundi bwaronse amahirwe y’ukuronka imigambi itandatu iri ku rutonde rw’ivyihuta. Ibarabara ry’indarayi riva Uvinza rishika i Musongati, murazi ko i Musongati kubera Nickel bica vyoroha. Ibarabara riva i Mugina muri Makamba rija mu Rumonge rigaca rishika ngaha i Bujumbura, naryo nyene ryashizwe ku rutonde rw’ivyihuta. Hariho ibarabara ry’indarayi naryo nyene riva Isaka, rigaca mu Rwanda, hanyuma rikava Keza - Gitega - Musongati naryo riri mu vyihuta. Ibindi vyihuta ni kugira ikiyaga Tanganyika kironke ingene urudandazwa rukoreshwa mu kiyaga Tanganyika. Hariho n’ivyerekeye kwagura ikiga c’indege ca Bujumbura, mbere n’ukwubaka ikibuga c’indege mu gihugu hagati."

JPEG - 56.5 ko
Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi

Gaston SINDIMWO amenyesha ko uburyo bukenewe kuri iyo migambi yose 17 bugera ku miriyaridi 78 z’amadorare, ayo mafaranga nayo akazoronderwa ku bagira neza.

Ku ruhande rw’Uburundi bavuga ko amafaranga amaze kuboneka ari ayo gukora ivyigwa kuri iryo barabara ry’indarayi.

Mu bushikiranganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi muri EAC bavuga ko bizigiye ko ishirwa mu ngiro ry’iyo migambi izozanira akarusho igihugu c’Uburundi.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.