Accueil > Amakuru > Mu makungu > Indege yarimwo abakinyi bo muri Bresil yagize isanganya
Indege yarimwo abakinyi bo muri Bresil yagize isanganya
mardi 29 Munyonyo 2016, par
Abantu 75 nibo bamaze kumenyekana ko bitavye Imana, bose bakaba bari mu ndege irimwo abantu 81 harimwo umugwi w’umupira w’amaguru wa Bresil. Iyo ndege yakorotse yegereje igisagara ca Medelin muri Colombia, nk’uko bimenyeshwa n’abategetsi.
Iyo ndege yari yakoteshejwe yava mu gihugu ca Bolivia, ikaba yari itwaye abakinyi b’umupira w’amaguru wa Chapecoense, nk’uko bimenyeshwa n’abategetsi.
Uwo mugwi wategerezwa gukina mu rukino rwa nyuma rw’igikombe ca Sudamericana n’umugwi wa Medellin, Atletico National, nk’uko bivugwa na BBC.

Urukino rwa mbere rwo gukinira ico gikombe, kigira kabiri mu bihambaye bikinirwa n’imigwi yo muri Amerika y’epfo, rwari rutegekanijwe kuwa gatatu, ariko ubu rwahagaritswe.
Uwo mugwi wari uvuye mu gisagara ca Chapeco, wari waduze mu cicero ca mbere muri Brezil mu 2014, ukaba washitse mu gice ca nyuma mu ndwi iheze inyuma yo gukuramwo umugwi wa San Lorenzo wo muri Argentine.
Inkuru zivuga ko iyo ndege yari itwaye abantu 72 hamwe n’abakozi b’indege 9, yaguye mu karere ko misozi mu micungararo y’igisagara inyuma y’isaha zitandatu z’ijoro muri Colombia.

Umukuru w’igisagara ca Medellin, Federico Gutierrez, yavuze ko “ari akaga katagira uko kagereranywa”, ariko yongerako ko hari abarokotse bagera kuri 6 muri abo 81 bari muri iyo ndege.
IGIHE
Messages
29 Munyonyo 2016, 14:15, par CAKIRA
BIRABABAJE
29 Munyonyo 2016, 14:47, par kabanga
imana ibakire mumbwami bwayo
29 Munyonyo 2016, 15:41, par KIMANA
IMANA IBAKIRE MU BWAMI BWAYO.
29 Munyonyo 2016, 15:49, par KIMANA
IMANA IBAKIRE MU BWAMI BWAYO.
29 Munyonyo 2016, 20:07, par mehtode
NDAHOKDKE IMIRYANGO YABUZE YIGUMYE
29 Munyonyo 2016, 21:42, par RUKUNDO Jean-Claude
RIP kubakinyi ba brasil Imana mubwami bwayo
30 Munyonyo 2016, 06:36, par maxime baremerwa
imana ibakire mwijuru
30 Munyonyo 2016, 08:51, par morodikayi.
Imana ibakire mubwami bwoyo, nkaba mpojeje imiryango yabuze abayo bose,none ho nitwese abakunzi bumupira twabuze,kuko baduteramisha munkino bakina,zikaduhezagira.
30 Munyonyo 2016, 12:44, par gordien
uhoraho abakir mubwami bwayo ntakundi.tuzohora tubibuka
1er Kigarama 2016, 07:08, par musa wabongo
tunawaombea mungu azilaze loho zamalehem mahali pema amen
1er Kigarama 2016, 10:55, par Nkunzimana
lMana ibakire mubwami bwayo ntakundi.
2 Kigarama 2016, 08:22, par claude
birababajepee
imana
ibakire.
2 Kigarama 2016, 20:43, par alexis
nibihangane ntakundi.ark nukura icateye iyo sanganya .
2 Kigarama 2016, 20:45, par alexis
imana ibakire mubwamw bwayo.ark nukura icateye iyo sanganya .
3 Kigarama 2016, 17:49, par Hakizimana Jeremie
Kuba Umudereva Yaramenyesheje Ko Indege Ko Itagira Igitoro,agasaba Kuyururukiriza Aho Ageze Bakamwankira,nimi Mission Baririy’abo Bakinyi.Nibatohoreze Kubajejwe Kwakira Indege Kukibuga
3 Kigarama 2016, 20:01, par patrick
nibihangane Imanairababona.
3 Kigarama 2016, 20:02, par patrick
nibihangane Imanairababona.
4 Kigarama 2016, 05:37, par RICHARD NDUWAYO
KUKI WAVYEMEYE MANA!TURAGUSAVYE UBAKIRE ABO BASAVYI BAWE!
5 Kigarama 2016, 18:03
NDAH0JEJE.BENEWACU,BOMURI,BLESIL
6 Kigarama 2016, 19:18, par Moise
NDAHOJEJE IMIRYANGO YABUZE .
4 Rusama 2017, 20:00, par YOSUWA
NIBIHANGANE NABAFANA