Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Indege yarimwo abakinyi bo muri Bresil yagize isanganya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Indege yarimwo abakinyi bo muri Bresil yagize isanganya

Indege yarimwo abakinyi bo muri Bresil yagize isanganya

mardi 29 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Abantu 75 nibo bamaze kumenyekana ko bitavye Imana, bose bakaba bari mu ndege irimwo abantu 81 harimwo umugwi w’umupira w’amaguru wa Bresil. Iyo ndege yakorotse yegereje igisagara ca Medelin muri Colombia, nk’uko bimenyeshwa n’abategetsi.

Iyo ndege yari yakoteshejwe yava mu gihugu ca Bolivia, ikaba yari itwaye abakinyi b’umupira w’amaguru wa Chapecoense, nk’uko bimenyeshwa n’abategetsi.

Uwo mugwi wategerezwa gukina mu rukino rwa nyuma rw’igikombe ca Sudamericana n’umugwi wa Medellin, Atletico National, nk’uko bivugwa na BBC.

Urukino rwa mbere rwo gukinira ico gikombe, kigira kabiri mu bihambaye bikinirwa n’imigwi yo muri Amerika y’epfo, rwari rutegekanijwe kuwa gatatu, ariko ubu rwahagaritswe.

Uwo mugwi wari uvuye mu gisagara ca Chapeco, wari waduze mu cicero ca mbere muri Brezil mu 2014, ukaba washitse mu gice ca nyuma mu ndwi iheze inyuma yo gukuramwo umugwi wa San Lorenzo wo muri Argentine.

Inkuru zivuga ko iyo ndege yari itwaye abantu 72 hamwe n’abakozi b’indege 9, yaguye mu karere ko misozi mu micungararo y’igisagara inyuma y’isaha zitandatu z’ijoro muri Colombia.

Umukuru w’igisagara ca Medellin, Federico Gutierrez, yavuze ko “ari akaga katagira uko kagereranywa”, ariko yongerako ko hari abarokotse bagera kuri 6 muri abo 81 bari muri iyo ndege.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.