Indoneziya : Abagabo 141 bahuza ibitsina babisangiye bafashwe n’igiporisi

Yanditswe na
Kuya 22 Rusama 2017 saa 03:36
Yasomwe : 8658
0 0

Abagabo bagera kuri 141 bari mu munsi mukuru w’abahuza ibitsina babisangiye ku mugwa mukuru wa Indoneziya, Jakarta, bafashwe n’igiporisi c’ico gihugu kuri uwu w’Imana.

Nk’uko tubikesha BBC, igiporisi ca Indoneziya kimenyesha ko abitavye uwo munsi mukuru batanga amahera agera ku madorare 16 kugira bemererwe kuja muri vyo birori. Naho mu gihugu ca Indoneziya guhuza ibitsina ku babisangiye bitabujijwe n’amategeko kiretse mu ntara ya Aceh, igiporisi kimenyesha yuko bamwe mu bafashwe bategerezwa gushengezwa imbere y’ubutungane, kuko ukwiyongera kw’ivyo bikorwa bituma ivyiyumviro bitandukanye bitera urwanko vyiyongera, kubera ukutabona kumwe abantu bahuza ibitsina babisangiye.

Igiporisi kimenyesha ko mu bafashwe harimwo abari bakuye impuzu zabo zose abandi bariko bakora ibikorwa vyo kwisambanya.

Gutegura umunsi mukuru nk’uwo aho mu gihugu ca Indoneziya bifatwa nk’ugukora igikorwa kibangamira abantu bahurira mu kibanza kimwe ari benshi.

Muri ico gihugu ca Indoneziya, uwufashwe ari murivyo bikorwa, ahabwa igihano co gukubitwa ibimoko imbere y’isinzi ry’abantu.


Kumenyekanisha

1
Elias Mpozamarira 23-05-2017 à 08:10

Kubita iyo mihimbiri yahumanye .

2
Evangeline 23-05-2017 à 06:25

Ab Bant Bakwiy Kwiyamirizw Bizotum Barwar Indwar Bataz

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha