IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ububasha bwa Sentare ijejwe gucira urubanza abategetsi bakomeye (...)

Ububasha bwa Sentare ijejwe gucira urubanza abategetsi bakomeye b’Uburundi

vendredi 22 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Ingingo ya 239 y’iyo nteguro ivuga ko Sentare nkuru y’Ubutungane igizwe na Sentare ntahinyuzwa na Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro zikoranye. Iyo iyo Sentare ishashe, Umukuru w’intahe ni Umukuru wa Sentare ntahinyuzwa. Muri iyo Sentare, Umushikirizamanza Kizigenza wa Republika niwe aserukira urwego rw’abashikirizamanza.

Ingingo ya 240 ivuga ko Sentare nkuru y’Ubutungane ariyo ifise ububasha bwo
gucira urubanza Umukuru w’Igihugu igihe yahemukiye igihugu, Umukuru w’Inama Nshingamateka, Umukuru w’Inama Nkenguzamateka, Icegera c’Umukuru w’Igihugu n’Umushikiranganji wa Mbere, igihe bakoze ivyaha bakiri muri ayo mabanga.

Abo bategetsi bamaze kwitwarirwa, abashikirizamanza n’abacamanza bashinzwe izo manza bategerezwa guca baziburanisha ubutarariye.

Ingingo zishinzwe na Sentare nkuru y’Ubutungane ntaho zungururizwa kiretse ugusaba ikigongwe Umukuru w’Igihugu canke zisubiwemwo ukundi gusha.

Ingingo ya 241 y’integuro y’ibwirizwa shingiro rishasha ivuga ko igihe bagiriwe n’ivyaha, Umukuru w’Igihugu, Icegera c’Umukuru w’Igihugu, Umushikiranganji wa Mbere, Umukuru w’Inama Nshingamateka n’Umukuru w’Inama
Nkenguzamateka baca babogozwa mu mabanga yabo.

Ingingo ya 242 nayo ivuga ko Ibwirizwa ryunganira Ibwirizwa Shingiro ariryo ritomora ingene Sentare nkuru y’Ubutungane iringanijwe, ingene ikora n’amategeko akurikizwa mu kwakira no mu kuburanisha imanza ishikirizwa.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.