Irak : Abantu 5 bapfuye, 200 barakomereka barasiwe mu myiyerekano

Yanditswe na Pacifique BUKURU
Kuya 20 décembre 2017 saa 10:35
7365
0 0

Abantu bagera 5 bapfuye, abandi 200 barakomereka kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 19 Kigarama, aho abanyagihugu bo muri Kurdistan bari mu myiyerekano yo gusaba ukwikukira .

Amakuru dukesha iradiyo y’abafaransa RFI amenyesha ko abajejwe umutekana baciye bafata ingingo yo kurasa abari mu myiyerekano.

Kw’igenekerezo rya 25 Myandagaro, abanya Kurdistan baremeje ku bwinshi ko bokwikukira, bikaba vyatumye Reta ya Irak ishavura irarahira ko Kurdistan yikukira, ivyatumye haduka imyiyerekano yo gusaba ukwikukira.

Mu gihe abari mu myiyerekano baturiye inyubakwa z’imigambwe ikomeye mu gihugu bakaba bayagiriza ko ataco iriko irabafasha, inzego z’umutekano zaciye zibarasa.

Abanya Kurdistan bakaba batabona kazoza kabo, aho ibiciro vyaduze,abakozi bakaba badahembwa.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha