IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Irak : Abanyagihugu 17 bahitanwe n’ibisasu

Irak : Abanyagihugu 17 bahitanwe n’ibisasu

dimanche 6 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Igiporisi ca Irak kivuga ko abanyagihugu 17 bahitanywe n’ibisasu vyatezwe iruhande y’amabarabara, mu gihe abo bantu bariko bahunga intagondwa zo mu barwanyi biyita Reta ya Kiyisilamu (Islamic State).

Muri ivyo bisasu vyatewe, bibiri vyatewe kw’ikamyo yari itwaye imiryango yahunga, mu gisagara ca Hawija gisanzwe kiri mu minwe y’abarwanyi ba Islamic State. Umuporisi yari mu modoka yari iherekeje iyo kamyo nawe yishwe, nk’uko bivugwa na BBC.

Ico gitero cakozwe mu gihe abasirikare ba Reta ya Irak babandanya gutera intambwe mu bitero vyabo vyo kugarukana igisagara ca Mosul kigenzurwa n’abarwanyi biyita aba Reta ya Kiyislamu.

Impande zompi zihanganye zibandanya kurasana hakoreshejwe ibisasu vya muzinga, mu gihe ingabo za Reta ziriko zigerageza kurinda uturere zisubije mu duce two mu burasirazuba bw’ico gisagara.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.