Irak:Abarwanyi ba Reta ya Islam basambuye umusigiti ukomeye

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 22 Ruheshi 2017 saa 04:56
Yasomwe : 6471
0 0

Igisirikare co mu gihugu ca Irak cemeje ko abagwanyi b’umurwi wa Reta ishingiye ku mategeko y’idini rya Islam (IS) basambuye umusigiti mukuru wa Al-Nuri, uri mu gisagara ca Mossoul.

Uwo musigiti wari wubatse nk’uwo umukuru w’abarwanyi b’umurwi wa Reta ishingiye ku mategeko y’idini rya Islam Abu Bakr al-Baghdadi yashikiririjemwo ijambo mu myaka itatu iheze ariko aramenyesha ubutegetsi bushasha.

Ku ruhande rwa Reta ishingiye ku mategeko y’idini rya Islam, abagwanyi bemeza ko indege za gisirikare za Reta Zunze Ubumwe za Amerika ari zo zawusambuye.

Mu gatondo ko kuri uyu wa kane igenekerezo rya 22 Ruheshi 2017, uwurongoye igisirikare ca Irak yabwiye iradiyo y’abongereza BBC ko bari kure ku metero nyinshi uvuye kuri uwo musigiti, bariko baragerageza kwigira imbere.

Muri uwo mwanya yavuga ko igisirikare ca Irak cari gifise intumbero yo kwigarurira icicaro gikuru c’abo bagwanyi ba Reta ishingiye ku mategeko y’idini rya muri Irak.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha