IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Irak: Umumenyeshamakuru wa France2 yitavye Imana ahitanywe n’igisasu

Irak: Umumenyeshamakuru wa France2 yitavye Imana ahitanywe n’igisasu

mardi 20 Ruheshi 2017

Imboneshakure France Television yamenyesheje urupfu rw’umumenyeshamakuru Stephan Villeneuve mu gatondo kare ko kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 20 Ruheshi 2017.

Umumenyeshamakuru Stephan Villeneuve yahitanywe n’igisasu caturikiye i Mossoul mu gihe yariko yegeranya ibizomufasha gukora ikiganiro « Envoyé spécial » , ari kumwe n’abandi bamenyeshamakuru babiri Véronique Robert na Samuel Forey bobo bakomeretse.

Mw’itangazo ubuyobozi n’abakozi ba France Television basohoye bavuze bati : «Ubuyobozi n’abakozi ba France Television bafatanije umubabaro n’umukenyezi wiwe Sophie, abana babo bane, umuryango n’abamwegereye bose. Turabahojeje bivuye ku mutima.»

Uwundi yitavye Imana ni Bakhtiyar Haddad yereka abamenyeshamakuru aho baca, akaba kandi yakora igikorwa co gusigura ururimi akaba yari n’umugenzi w’abamenyeshamakuru benshi b’iradiyo y’abafaransa RFI.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.