Irake : Abasirikare ba Reta bafashe igisagara ca Mossoul

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 10 Mukakaro 2017 saa 11:31
Yasomwe : 4554
0 0

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Irake Haider Al – Abadi yagendeye igisagara ca Mossoul mu ntumbero yo gukeza abasirikare ba Reta inyuma yaho birukanye abagwanyi ba kisirimu muri co gisagara.

Inkuru zivuga ko Haider Al- Abadi yagiye aragendagenda n’amaguru mu mabarabara agize igisagara ca Mossoul akeza abasirikare ku ntsinzi yo kugarukana mu maboko ya Reta igisagara ca Mossoul mu mezi 9 aheze izo ngwano zitanguye aho ibice binini vy’ico gisagara vyasambutse.

Izo nkuru zibandanya zivuga ko uwo mugwi w’abagwanyi ugifise mu nimwe igice co mu burengero no mu bumanuko bwa Mossoul, bikavugwa ko ushobora kuzobandanya kugaba ibitero muri ivyo bice.

Mwomenya ko igisagara ca Mossoul cafashwe n’abagwanyi ba Reta ya Kisiramu mu kwezi kwa Ruheshi umwaka wa 2014, aho uwo mugwi watangaza ko washinze abarongozi bayo, ingwano zo kugarukana ico gisagara mu minwe ya Reta zikaba zatanguye mu kwezi kwa gitugutu umwaka uheze wa 2017. Abantu isinzi bakaba barataye ingo zabo abandi barabura iyo baca kubera ingwano zari zugarije ico gisagara.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha