Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko, Tarik Jadaoun, yihaye izina rya Abu Hamza al-Beljiki, yafatiwe mu gisagara ca Mosul mu mwaka wa 2017, mu gikorwa co kwirukana umurwi wa Reta yaki islamu.
Uwo murwanyi wa ki Islam, afise amamuko yo mu gihugu ca Maroke, yari yabanje kuja muri Siriyaa mu mwaka wa 2014 mu barwanyi b’uwo murwi.
Amakuru ya BBC, amenyesha ko, yabonetse mu masanamu zishimagiza umurwi wa Reta ya Kiisilamu, ariko aragabisha ko azokora ibitero ku mugabane wa Buraya.
Yumvirizwa na sentare ya Irake, Tarik Jadaoun yagumye ahakana ivyo yagirizwa.
Guhana Abasi Nivyiza Ariko Vyiza Bitonde Ntibamurenganye.