IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Irake : Umwigeme w’umudagi yagirizwa gukorana na Reta ya kiyisiramu (...)

Irake : Umwigeme w’umudagi yagirizwa gukorana na Reta ya kiyisiramu yafashwe

mercredi 19 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Amakuru ava mu Budagi amenyesha ko uwo mwigeme yafashwe n’abajejwe umutekano bo mu gihugu ca Irake ari mu bihomoke mu gisagara ca Mossoul, ku musi wa kane w’indwi iheze, ari kumwe n’abandi bantu 19 baturuka mu bihugu vya Canada, Ubudagi, Uburusia na Turkia, bikavugwa ko bari bitwaje ibigwanisho.

Ayo makuru abandanya avuga ko ubu abashikirizamanza bariko barakora amatohoza kuri uwo mwigeme ko ariwe yari yaburiwe irengero mu mwaka uheze mu gisagara ca Lulsnitz co mu Budagi.

Mwomenya ko ivyo bishitse inyuma y’imisi mike Reta ya Irake itanganje intsinzi yo gukura mu maboko y’abagwanyi biyitirira Reta ya Kisiramu igisagara ca Mossoul bari bigaruriye. Ingwano z’ukugaruza ico gisagara zamaze imyaka 9, abantu bashika ibihumbi 920 bakaba barataye izabo.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.