IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Irani : Umukuru w’igihugu yagabishije Amerika ku ngaruka zo kuva mu (...)

Irani : Umukuru w’igihugu yagabishije Amerika ku ngaruka zo kuva mu masezerano ya Irani

lundi 7 mai 2018

Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko, umukuru w’igihugu ca Irani yavuze ko, Reta Zunze Ubumwe za Amerika izokwicuza igituma yavuye muri ayo masezerano, ku buryo butari bwabeho muri kahise kayo.

Umukuru w’igihugu Donald Trump asigaje iminsi mike kugira amenyeshe, nimba azoheba ayo masezerano, kuko amaze no kuvugako nabi incuro nyinshi.

Umukuru w’igihugu ca Irani Hassan Rouhani yavuze ko, igihugu ca Irani gifise imigambi yo guhangana n’ico Reta Zunze Ubumwe za Amerika yokora, ariko ntiyavuze ico Irani kizokora.

Abandi bashize umukono kuri ayo masezerano, barimwo Ubufaransa n’Uburusiya, babandanya kuyashigikira.

Umushikiranganji w’Ubwongereza ajejwe imigenderanire, Boris Johnson, yagiye i Washington mu biganiro vyo kugerageza kwumvisha ubutegetsi bwa Donald Trump ko butova muri ayo ayo masezerano.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.