Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ishirahamwe ABR ry’amaradiyo asamiranira mu Burundi riramutswa abarongozi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe ABR ry’amaradiyo asamiranira mu Burundi riramutswa abarongozi (...)

Ishirahamwe ABR ry’amaradiyo asamiranira mu Burundi riramutswa abarongozi bashasha

jeudi 7 décembre 2017

Umumenyeshamakuru Onesime HARUBUNTU agiye kurongora ishirahamwe ry’amaradiyo asamiranira mu Burundi ABR asubiriye Patrick NDUWIMANA yahoze arongoye Iradiyo Bonesha FM.

Abandi bagiye kurongora ishirahamwe ABR ni, Juma Leonard arongoye Iradiyo Nkuru y’igihugu yabaye icegera c’umukuru w’ishirahamwe, hamwe n’abanyamabanga babiri aribo Golgo SABUSHIMIKE arongoye iradiyo Scolaire Nderagakura na Slyvere NTAKARUTIMANA arongoye Iradiyo Isanganiro.

Abamenyeshamakuru barashima kuba ishirahamwe ABR rironse abarongozi bashasha, kuko ryari rimaze iminsi risa n’uko ritariko rirakora, bikaba vyahora bibagora kuronka aho baganirira kandi bahanahanira ivyiyumviro.

Abo bamenyeshamakuru bizera ko abarongozi bashasha b’ishirahamwe bazofasha abamenyeshamakuru kurangura neza umwuga wabo.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.