Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe ABR ry’amaradiyo asamiranira mu Burundi riramutswa abarongozi (...)
Ishirahamwe ABR ry’amaradiyo asamiranira mu Burundi riramutswa abarongozi bashasha
jeudi 7 décembre 2017
Umumenyeshamakuru Onesime HARUBUNTU agiye kurongora ishirahamwe ry’amaradiyo asamiranira mu Burundi ABR asubiriye Patrick NDUWIMANA yahoze arongoye Iradiyo Bonesha FM.
Abandi bagiye kurongora ishirahamwe ABR ni, Juma Leonard arongoye Iradiyo Nkuru y’igihugu yabaye icegera c’umukuru w’ishirahamwe, hamwe n’abanyamabanga babiri aribo Golgo SABUSHIMIKE arongoye iradiyo Scolaire Nderagakura na Slyvere NTAKARUTIMANA arongoye Iradiyo Isanganiro.
Abamenyeshamakuru barashima kuba ishirahamwe ABR rironse abarongozi bashasha, kuko ryari rimaze iminsi risa n’uko ritariko rirakora, bikaba vyahora bibagora kuronka aho baganirira kandi bahanahanira ivyiyumviro.
Abo bamenyeshamakuru bizera ko abarongozi bashasha b’ishirahamwe bazofasha abamenyeshamakuru kurangura neza umwuga wabo.
MUGISHA Van Naris