IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe ACAT Burundi risaba irekurwa ry’abaharanira agateka ka zina (...)

Ishirahamwe ACAT Burundi risaba irekurwa ry’abaharanira agateka ka zina muntu bapfunzwe

jeudi 18 janvier 2018

Mu cegeranyo c’ishirahamwe ACAT-Burundi , iryo shirahamwe rimenyesha ko mu kwezi kwa 12 kw’umwaka wa 2017, abantu 26 bishwe , 55 bahagarikwa hadakurikijwe amategeko mu bice bitandukanye vy’igihugu.

Muri ico cegeranyo cerekana uko agateka ka zina muntu kari kifashe mu kwezi kwa nyuma kw’umwaka wa 2017, ishirahamwe ACAT-Burundi, rimenyesha kandi ko abantu 22 babujijwe uburenganzira bwo kwishira n’ukwizana.

Ishirahamwe ACAT Burundi rimenyesha ko ibijanye n’isinzikazwa ry’agateka ka zina muntu ryose bitashoboye kuja mu cegeranyo, ariko riragaruka ku bihe bimwe bimwe vyaranze ukwo kwezi.

Ishirahamwe ACAT-Burundi riragaruka kw’igumizwa mu munyororo rya Gervais RUKUKI yahoze aserukira ishirahamwe ACAT mu ntara ya Gitega, rikamenyesha ko Gervais RUKUKI apfunzwe ku mutahe wataye igihe.

Muri ico cegeranyo ishirahamwe ACAT- Burundi riragaruka kandi kw’ihagarikwa ry’abayoboke b’umushingamateka RWASA AGathon, rikamenyesha ko abahagarikwa muri ubwo buryo bazira ivyiyumviro vyabo vya poritike.

Ishirahamwe ACAT-Burundi risaba Reta guhana abagirizwa gusinzikaza agateka ka zina muntu, ubuzi boba barimwo ubwaribwo bwose, canke mbere n’umugambwe boba barimwo uwariwo wose, rigasaba kandi ko Reta yokorana na Sentare Mpanavyaha y’I La Haye, ku matohoza ku vyaha vyakozwe kuva mu mwaka wa 2015.

Ishirahamwe ACAT-Burundi risaba amakunru kwumvisha Reta ko yokwitaba ibiganiro , agafata n’ingingo zibereye zo gukingira abarundi ihohoterwa ry’agateka ka zina muntu.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.