Ishirahamwe ACAT risaba akarere ka EAC gukurikiranira hafi ibibera mu Burundi

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 31 Myandagaro 2017 saa 02:31
Yasomwe : 4716
0 0

Ishirahamwe Rukristo rijejwe kurwanya ihohoterwa rya kiremwamuntu ACAT rimenyesha ko mu matohoza ryakoze mu ndwi zibiri z’ukwezi kwa Myandagaro 2017, ryaharuye ibiziga vy’abantu 17 batamenyekanye vyatowe.

Nk’uko biri mw’itangazo ry’ishirahamwe ACAT ryo kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 31 Myandagaro 2017, ishirahamwe ACAT rimenyesha ko ibiziga bibandanya gutorwa mu nzuzi nka Rusizi, Ruhwa na Ndurumu.

Muri iryo tangazo,ishirahamwe ACAT riragaruka kandi ku ma gerenade amaze iminsi aterwa mu bice bitandukanye vy’igihugu, aho abantu baharurwa mu macumi bakomeretse cane bivuye kuri ayo magerenade.

Ishirahamwe rigasaba Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha y’i La Haye ari nayo yonyene isigaye kugira ihane abakoze ivyaha mu Burundi, gukora mu maguru masha, mu gihe kw’igenekerezo rya 27 Nyakanga 2017 ariho Uburundi buzova muri iyo sentare.

Ishirahamwe ACAT rihamagarira kandi akarere ka Afrika y’Ubuseruko kugira uruhara ruboneka mu gutorera inyishu ibibazo biri mu Burundi, kandi gakurikiranire hafi ibibera mu Burundi kugira hamwe hagize ikiba bafashe hakiri kare.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha