IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe CFCIB risaba ikigo CNC kugabanya ibihano cafatiye iradiyo CCIB (...)

Ishirahamwe CFCIB risaba ikigo CNC kugabanya ibihano cafatiye iradiyo CCIB FM PLUS

vendredi 6 Gitugutu 2017

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 6 Gitugutu 2017, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’ubudandaji n’amahinguriro mu Burundi CFCIB , Denis NSHIMIRIMANA amenyesha ko ishirahamwe CFCIB ridashigikiye iyo nkuru y’intangamarara kuko itakurikije intumbero n’imigambi y’ico kigo isanzwe ikukira.

Muri ico kiganiro Denis NSHIMIRIMANA umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe CFCIB avuga ko ishirahamwe CFCIB ryamaze gutanguza gukurikirana abakozi b’insamirizi yaryo kandi ibihano bihuye n’amakosa yakozwe bizofatwa.

Mu ntumbero yo gutorera inyishu ico kibazo,umunyamabanga mukuru wa CFCIB amenyesha ko iryo shirahamwe ririko riragiranira ibiganiro n’ikigo CNC gikurikirana ingene ibinyamakuru bikora kandi rikaba rizosaba imbabazi ku mugaragaro urwego CNC kuko batavyitwayemwo neza.

JPEG - 22.6 ko
Denis NSHIMIRIMANA, umunyamabanga mukuru wa CFCIB

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe CFCIB avuga ko ingaruka zozo zitabuze zivuye kw’ihagarikwa ry’ibiganiro vy’iradiyo CCIB FM PLUS mu kiringo c’amezi atatu.

Ati :«Iradiyo CCIB FM PLUS niyo nzira yaduhuza n’abadandaza n’abandi barwizatunga. Kuva ihagaritse gushikiriza ibiganiro, ntaho tugihurira n’abanyamitahe, ibi bigashobora kugira ingaruka atari nziza ku butunzi bw’igihugu.»

Ishirahamwe CFCIB ribicishije ku munyamabanga mukuru waryo rigasaba ikigo kigenzura ingene ibinyamakuru bikora mu Burundi CNC kugabanya ibihano cafatiye iradiyo CCIB FM PLUS.

Inkuru yatumye iradiyo CCIB FM PLUS ihagarikwa mu kiringo c’amezi atatu yavuze mu makuru yo kuwa 18 na 19 Nyakanga 2017, ica isubira kuvuga kw’igenekerezo rya 23 Nyakanga 2017 mu makuru yaranze indwi.

Nkuko vyamenyeshejwe na Denis NSHIMIRIMANA iyo nkuru ntibayishigikiye kuko yavuga ko Reta y’Uburundi ataco yavuze ku barundi biciwe i Kamanyola muri Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, kandi umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi yarasavye mugenzi we wa Kongo kugira amatohoza.

Kw’igenekerezo rya 28 Nyakanga 2017,icegera c’umukuru w’urwego CNC akaba n’umuvugizi warwo Aime Divine NININAHAZWE niho yamenyesha ko ibiganiro vy’ iradiyo CCIB FM PLUS bihagaritswe mu kiringo c’indwi zitatu kubera inkuru y’intangamarara yashikirije.

Nk’uko vyashikirijwe na Denis NSHIMIRIMANA Iradiyo CCIB FM PLUS niyo radiyo ya mbere yigenga yatanguye gukorera mu Burundi, kuva kw’igenekerezo rya 11 Ruheshi 1993, ikaba yahagaritswe mu kiringo c’amezi atatu, mu gihe hari umugambi w’uko ibigabniro vyayo vyumvikana mu gihugu cose.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.