Incamake

Ishirahamwe FOLUCON.F riranegura uko abitaba ibiganiro i Arusha batumiwe

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 27 novembre 2017 saa 11:54
12270
0 0

Ishirirahamwe ryishinze kurwanya nkunzi n’akamwana wa mama FOLUCON.F rimenyesha ko mu gihe hari amashirahamwe amwe adaharanira ivyicaro vya poritike akorera mu Burundi atatumiwe mu biganiro bihuza abarundi bitangura I Arusha kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 27 Munyonyo 2017,ivyo biganiro ata nyishu nziza bishobora gushikako.

Mw’ikete ishirahamwe FOLUCON.F ryandikiye umufasha w’umuhuza mu biganiro William Mkapa, iryo shirahamwe rimenyesha ko ridatahura ingene ritatumiwe mu gihe rikorera mu bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu nko kurwanya ibiturire, akarenganyo,intwara ibereye no kurwanya igiturire.

Muri iryo kete, ishirahamwe FOLUCON.F rimenyesha ko ryoryo ritatumiwe mu biganiro, mu gihe hari ayandi mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike abayaserukira batumiwe kandi ata shirahamwe na rimwe baserukira rikorera mu Burundi.

Ishirahamwe FOLUCON.F rimenyesha kandi ko hari n’abandi batumiwe nk’abaserukira imigambwe kandi ata migambwe bafise ikorera mu Burundi, iyindi migambwe nayo igahabwa ibibanza vyinshi vy’abitaba ibiganiro kandi hari abataronse ikibanza na kimwe.

JPEG - 59.7 ko
Gerard HAKIZIMANA,Umukuru w’ishirahamwe FOLUCON.F

Ryisunze ivyo vyose, ishirahamwe FOLUCON.F rimenyesha ko hadahindutse uburyo bwo gutumira abitaba ibiganiro,ivyo biganiro ata nyishu nziza bishobora kuzana.

Igice ca kane c’ibiganiro biriko bibera I Arusha kizomara iminsi 12,bamwe mu baserukira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yahagaritswe gukorera mu Burundi, bamenyesheje ko batazokwitaba ivyo biganiro.

Ayo mashirahamwe 18 amenyesha ko badashobora kwitaba ibiganiro, mu gihe abayarongoye ata cizere bafise k’umutekano wabo mu gihugu ca Tanzaniya, kandi ko habaye n’ikumirwa mu gutumira abitaba ibiganiro.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha