IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe HWPL risaba abantu bose gufasha gutsimbataza amahoro

Ishirahamwe HWPL risaba abantu bose gufasha gutsimbataza amahoro

vendredi 26 Rusama 2017

Isekeza ryabereye mu bisagara 85 biri mu bihugu 43 vyo ku mugabane wa Buraya, Aziya na Oceanie riteguwe n’ishirahamwe HWPL riri kumwe n’amashirahamwe mpuzamakungu y’urwaruka.

Mw’ijambo ryiwe ryo gushima,umukuru w’ishirahamwe HWPL Man Hee Lee yahamagariye amakungu gukorera hamwe mu ntumbero yo gutsimbataza amahoro.Yavuze ko bidakunda ko amahoro atsimbatara mu gihe abantu batavuye aho bari.

Man Hee Lee yavuze ko mu gihe intamabara yohera ata nkeka twoba mw’isi y’amahoro, kandi ko kuyiraga urunganwe ruzokurikira ari igikorwa c’umuryango wose uba kw’isi.

Muri iryo sekeza, kabaye n’akaryo ko gutanga umwanya wo kwiyumvira ku biranga imico y’abitavye kugira bamenye uko babona ibijanye n’amahoro, kugira kandi ibikorwa vyabo biherekeze ivyo bemera mu mico yabo itandukanye.

Umwe mu bitavye iryo sekeza Sara Florian ava mu gihugu ca Guatemala, avuga ko yakuze yumva intambara zabaye mu gihugu kumara imyaka 30, kandi ko zatumye abantu bashikirwa n’ingorane zifatiye ku myifato, abandi bagendana ubumuga naho haheze imyaka 20 intambara zibaye.

Sara Florian avuga ko nk’urwaruka bakwiye gufata ingingo zo guhindura ivyiyumviro kugira bafashe gushiraho isi y’amahoro, kugira kandi bashobora kuvura ibikomere intambara yasize mu banyagihugu.

Duhyen Kim, arongoye ishirahamwe mpuzamakungu ry’urwaruka IPYG yamenyesheje ko ishirahamwe arongoye rikorana n’imirwi itandukanye, amashirahamwe ategamiye Reta hamwe n’amashirahamwe y’urwaruka ashira mu ngiro imigambi y’iterambere ry’urwaruka kandi akigisha amahoro.

Isekeza ryo gutsimbataza amahor ryatanguye mu mwaka wa 2013, ku civugo :’’Siga amahoro nk’iragi ry’urunganwe rwo muri kazoza.’’


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.