Ishirahamwe MAC ryatanze imfashanyo ku barundi baheruka guhunguka

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 18 Myandagaro 2017 saa 08:27
Yasomwe : 3519
0 0

Ishirahamwe rukristo rishingiye ku bikorwa kinyafirika vy’impuhwe(MAC :Ministere Africain de la compassion) ryatanze imfashanyo igizwe n’imfungurwa ku miryango ishika 8oo itishoboye, ba nyamwema hamwe no ku miryango iheruka guhunguka ivuye mw’ikambi y’impunzi yi Lusenda , mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.

Aime Pascal NDUWIMANA aserukira imbere y’amategeko MAC yamenyesheje ko batanze iyo nfashanyo kuko biri mu mugambi bihaye gushika mu mwaka wa 2026 wo gufasha abantu batishoboye, kandi hatanga umutima kuko hari abantu bafise ibintu vyinshi ariko badashobora gutanga n’ikintu na kimwe mu vyo bafise.

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston SINDIMWO yamenyesheje ko abarundi dukwiye gutangura ingendo nshasha yo gufashanya nkuko MAC ibikora kuko isanzwe ihamagarira abantu bose gufashanya mu budasa bwabo.

JPEG - 68.4 ko
Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston SINDIMWO atanga infashanyo

Gaston SINDIMWO yasavye abaronkejwe iyo mfashanyo kuvyara ku rugero kugira hashobore kuba igabanuka ry’ umurindi w’igwirirana ry’abantu ryibonekeza mu gihugu .

Umushikiranganji w’agateka ka zina muntu Martin NIVYABANDI mw’ijambo ryiwe yamenyesheje ko gutanga ikiri ku mutima ko bisumba gutanga ibindi bintu vyose bibaho, kuko gufasha bihera mu mutima.

Martin NIVYABANDI yasavye ko ayandi mashirahamwe yoza arashigikira abantu mu vyo bakenera kuko iyo hari ubukene ,atakazi kaboneka kandi agateka ka zina muntu gaca gahungabana.

Mwomenya ko uwo mugambi wa MAC uzobandanya gushika mu mwaka wa 2026 ukaba wahariwe icivugo kivuga giti « ubumwe mu budasa » , mu baronkejwe imfashanyo,umuntu umwe yaronka ibiro 10 vy’umuceri.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha