Ishirahamwe OLUCOME risaba abanyeporitike kuva mu majambo bakaja mu bikorwa

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 25 Myandagaro 2017 saa 02:54
Yasomwe : 7281
0 0

Naho mw’ijambo yashikirije, inyuma y’imyaka ibiri atsinze amatora, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yavuze ko habaye intambwe mu bijanye n’intwaro ibereye n’iterambere, ishirahamwe ryishinze kurwanya ibiturire n’abasesagura amatunga ya Reta OLUCOME rimenyesha ko atarivyo kuko ibisabwa kugira mu gihugu bavuge ko hari intwaro ibereye n’iterambere rirama ata biriho.

Mw’itangazo ry’ishirahamwe OLUCOME ryo kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 25 Myandagaro 2017, iryo shirahamwe rimenyesha ko igihugu kigifise ico cokorera abanyagihugu ariko kitarakora, ko ata muco uri mw’itunganywa ry’ibisata vya Reta, kandi abantu batakirwa neza mu bisata vya Reta.

Muri iryo tangazo, ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko risanga ata ntwaro ibereye iri mu Burundi, kuko amasoko agitangwa ata mahiganwa abaye, agatangwa hakurikijwe aka mwana wa mama n’ikimenyane.

Mu bijanye n’iterambere rirama, ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko ibintu vyifashe nabi cane, kuko Uburundi buri mu kibanza ca nyuma mu bihugu bikenye kw’isi, aho amafaranga umuntu akoresha ku munsi ari make, bigasigura ko kugira Uburundi bushike kw’iterambere rirama bigoye kuko ata ntwaro ibereye ihari.

JPEG - 151.4 ko
Gabriel RUFYIRI, arongoye ishirahamwe OLUCOME

Ishirahamwe OLUCOME rikamenyesha ko ihangiro umukuru w’igihugu yihaye ryo gukomeza amahoro n’umutekano, gushiraho intwaro ibereye n’iterambere rirama bigoye kurishikako,mu gihe akanovera k’inyigisho kagabanutse, abantu bavyara abana benshi n’ibindi.

Ishirahamwe OLUCOME rikabona ko abanyeporitike bari bakwiye kuva mu majambo gusa, ariko imvugo ikajana n’ibikorwa.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha