IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > "Intererano ku rwego rw’igihugu zitozwa iyo ari ikiza cateye" - (...)

"Intererano ku rwego rw’igihugu zitozwa iyo ari ikiza cateye" - OLUCOME

lundi 28 Myandagaro 2017

Mw’itangazo ishirahamwe OLUCOME ryasohoye kuri uno wa mbere igenekerezo rya 28 Myandagaro 2017, iryo shirahamwe rimenyesha ko ridashigikiye ivyasabwe n’aba buramatari na musitanteri kw’igenekerezo rya 22 Myandagaro 2017, ko guterera amatora ya 2020 vyoba itegeko ku munyagihugu wese, mu gihe Reta yadugije amakori n’amatagidi kuva kuri 50 kw’ijana gushika kuri 70 kw’ijana.

Ishirahamwe OLUCOME nk’abandi banyagihugu bose rimenyesha ko rizi neza ko hari inzira zibiri zonyene zishobora gutuma Reta ironka amafaranga avuye ku banyagihugu, izo nazo zikaba ari amakori n’amatagisi hamwe no guterera ku rwego rw’igihugu.

Muri iryo tangazo, ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko guterera amatora ya 2020 bidategerezwa kuba itegeko kuko atari ikori canke itagisi, canke ikandi intererano ku rwego rw’igihugu kuko ata kiza giheruka kuba mu Burundi.

Ishirahamwe OLUCOME rikamenyesha ko hamwe umukuru w’igihugu yoshira umukono kw’itegeko ryo guterera amatora ya 2020, yoba ahonyanze ibwirizwa nshingiro ry’igihugu n’ayandi masezerano mpuzamakungu yubahiriza agateka ka zina muntu mu bijanye n’imibano, yateweko umukono na Reta y’Uburundi.

JPEG - 151.4 ko
Gabriel RUFYIRI,Arongoye ishirahamwe OLUCOME

Ishirahamwe OLUCOME rikamenyesha ko rifatiye ku burambe rifise ibigega nk’ivyo iyo bishinzwe bigenzurwa hatagiyemwo umuco, kandi bigaca biteza imbere akarwi, aho guteza imbere Abarundi bose.

Ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta buheruka kwuguruza mw’ibanki BCB ikonte izoshirwako amafaranga y’abashaka guterera amatora yo mu mwaka w’2020.

Terence NTAHIRAJA, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu amenyesha ko iyo konte yashizweho kubera abantu babandanya gusaba ko bobwirwa aho boshira intererano yabo.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.