IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe OLUCOME risaba ko ibiganiro bibera hanze bibandanya

Ishirahamwe OLUCOME risaba ko ibiganiro bibera hanze bibandanya

mercredi 21 février 2018

Mw’itangazo ryasohowe na OLUCOME kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 21 Ruhuhuma 2018,Gabriel RUFYIRI arongoye iryo shirahamwe amenyesha ko ibiganiro bihuza abarundi bibera hanze bikenewe kugira haboneke akarusho ku masezerano y’i Arusha, mu gutsimbataza amahoro hamwe no kunywanisha abarundi.

Gabriel RUFYIRI avuga ko mu gihe icegeranyo c’ishirahamwe ryitaho ineza y’abantu OCHA kivuga ko abantu bakeneye imfashanyo ya kiremwa muntu baduze ibice 20,kw’ijana kari akaryo keza ko kwitaho ineza y’abanyagihugu

Muri iryo tangazo, ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko bimwe mu biganiro abanyeporitike batumirwamwo kugira bahanehane ivyiyumviro ku maradiyo n’ibimenyeshamkuru, vyerekana ko ishaka ryabo ritandukanye n’ivyo abanyagihugu bitwararitse nk’ibijanye n’ubukene,gukomeza intwaro,kugwanya igiturire hamwe n’ibindi.

Iryo shirahamwe risaba ko ivyo rishikirije vyofatirwako mu nama ihuza abakuru b’ibihugu vyo mu muryango wa Afirika y’Ubuseruko kw’igenekerezo rya 21 gushika 23 Ruhuhuma 2018, hamwe n’inama y’umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU izoba igenekerezo rya 26 Ruhuhuma uyu mwaka.

Mu guheraheza OLUCOME ritera akamo Reta y’Uburundi kwitwararika ivyashikirijwe n’ishirahamwe OCHA kugira ikibazo c’ubukene gitorerwe inyishu.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.