Ishirahamwe OLUCOME ryerekanye aho rihagaze kw’isamburwa ry’ihoteri ya Dr Jean MINANI

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 13 décembre 2017 saa 10:55
Yasomwe :
0 0

Ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire hamwe no kunyuruza amatungo ya Reta OLUCOME ryashikirije aho rihagaze kuvyerekeye inyubakwa ya Dr Jean MINANI yasambuwe aho rishikiriza ko ryakiranye umubabaro ico gikorwa yita ko kigayitse.

Gabriel RUFYIRI arongoye OLUCOME ameyesha ko Reta yabwirizwa gucungera amatungo y’abanyagihugu bari hagati mu gihugu eka n’ amatungo y’abahunze igihugu.

Mw’itangazo ry’ishirahamwe OLUCOME ryo kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 13 kigarama 2017, iryo shirahamwe rimenyesha ko ihoteri ya Dr Jean MINANI yasambuwe ari uruhombo kuko yinjiza inyungu ku muryango wa nyene iyo hoteri hamwe no kuri Reta biciye mu gutanga itagisi.

Gabriel RUFYIRI avuga ko igisata c’ingezi hamwe n’amahoteri casubiye inyuma gushika ku rugero rwa 70 kw’ijana kuva indyane za poritike zo mu mwaka wa 2015 zitanguye .

JPEG - 379.5 ko
Gabriel RUFYIRI,Umukuru w’ishirahamwe OLUCOME

Muri OLUCOME bavuga ko ivyo vyatumye ingenzi zerekana amakenga kuvyerekeye umutekano mu gihugu.

Tubibutseko ihoteri ya Dr Jean MINANI isanzwe iri ku murwa mukuru w’intara ya Kirundo, hakaba haciye hafi indwi zibiri isambuwe n’ abantu bataramenyekana ;bivugwa ko binjiye muri iyo hoteri biba imiryango n’amadirisha y’iyo nyubakwa .

Ivyo bikaba vyabaye inyuma y’imisi ibiri Dr Jean MINANI atowe kuba umukuru w’urunani CNARED -Giriteka


Kumenyekanisha

1
Amahinyu 13-12-2017 à 11:30

Uwo mugabo nta munsi umuherana adasohoye itangazo ?
Adahogoje ntaba umuntu ?

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha