Mw’itangazo ishirahamwe OMS ryashize ahabona kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 3 Nzero 2018, rivuga ko urwo rucanco rwo mu bwoko bwa TCV (Typhoid Conjugate vaccine) rwemejwe mu mpera z’ukwezi kwa Kigarama umwaka uheze wa 2017.
Urwo rucanco rufise inguvu ugereranije n’izisanzwe, ntirusaba umuti mwinshi kandi rushobora guhabwa abana mu nteguro zisanzwe yo kubakingira. Rukaba ari narwo rucanco rwonyene rwemejwe rushobora guhabwa abana bari munsi y’imyaka ibiri.
Kubaurwo rucanco rwemejwe n’ishirahamwe mpuzamakungu OMS, bisigura ko rukwije ibisabwa kuba rutagira akanenge,kuba rudahungabanya ubuzima kandi rukaba rutanga umwimbu mwiza.
Bitegekanijwe ko urwo rucanco rushobora gutangura gukoreshwa n’amashirahamwe mpuzamakungu nka UNICEF n’ihuriro mpuzamakungu rifise intumbero yo gukingira GAVI.
Typhoid ni indwara ihitana ubuzima bwa benshi, ikandukira biciye mu nfungurwa canke mu mazi acafuye. Ibimenyetso vyayo birimwo ubushuhe,uburuhe, kumeneka umutwe, kuribwa mu nda no gucibwamwo.
Indwara ya typhoide yibonekeza cane mu bihugu bikenye n’ibiri mu nzira y’amajambere, bigasigura ko kw’isi abantu bari hagati y’imiriyoni 11 na 20 aribo bayirwaye, abari hagati y’ibihumbi 128na 161 ikabahitana ku mwaka.
IZINDI NKURU ZIJANYE N'IYI |
![]() Ishirahamwe Dutezanye Imbere rivuga ko ibikorwa vyaryo bifasha kugwanya amayarara mu gisagara
12.11.2018 |
![]() REGIDESO ivuga ko itangwa ry’amazi rizogenda nabi muri Mukaza na Ntahangwa
9.11.2018 |
![]() Pascal BARANDAGIYE avuga ko amashirahamwe 25 ariyo amaze kwiyandikisha
5.11.2018 |
![]() PARCEM rivuga ko ribabajwe no kubona umuce wa 5 w’ibiganiro ataco washitseko
26.10.2018 |
![]() ATRABU: hagiye kujaho ishure rizokarihiriza ubumenyi abashoferi
25.10.2018 |
SOMA IZINDI NKURU MURI "ishirahamwe"... |
Kobar baratévy kuruzan