IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe "One Acre Fund TUBURA" yemerewe gutanta itoni 3000 zari mu (...)

Ishirahamwe "One Acre Fund TUBURA" yemerewe gutanta itoni 3000 zari mu bubiko bwayo

samedi 17 février 2018

Mw’ikete umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi yanditse yishura umukuru w’ishirahamwe "One Acre Fund TUBURA" mu ntara ya Muramvya, aho yari yasavye ko inyuma yo guhagarikwa iryo shirahamwe ryohabwa uburenganzira budasanzwe bwo gukora, uwo mushikiranganji yamenyesheje ko bategerezwa kurindira ibizova mu gikorwa co kugenzura ibikorwa vy’ishirahamwe kiriko kirakorwa.

Muri iryo kete, umushikiranganji Deo Guide RUREMA amenyesha ariko ko ishirahamwe "One Acre Fund TUBURA" mu ntara ya Muramvya rishobora gutanga umwavu w’ikizungu uri mu bubiko bw’ishirahamwe Tubura, ibikorwa vyo kwunguruza uwo mwavu bigakorwa n’iryo shirahamwe, bigakurikiranwa n’umurwi w’abahinga b’ubushikiranganji n’abajejwe intwaro.

Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi amenyesha ko iryo shirahamwe rizotanga ayo mase hisunzwe urutonde rutunganijwe neza, kandi rukamenyeshwa abahinga b’ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi.

Deo Guide RUREMA aramutswa ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi amenyesha ko ikiringo co kuriha amafaranga ari kuva kw’igenekerezo rya 19 Ruhuhuma gushika kurya 30 Ntwarante 2018.

JPEG - 22.5 ko
Deo Guide RUREMA,Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi

Umushikiranganji Deo Guide RUREMA agasaba umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu guhimiriza ba buramatari b’intara za Muramvya, Ngozi, Mwaro, Kayanza na Gitega kworohereza abazoba bari muri ico gikorwa co gutanga umwavu w’ikizungu.

Ibikorwa vy’ishirahamwe "One Acre Fund TUBURA" ryahagaritswe vy’agateganyo mu gihugu cose c’Uburundi, n’itegeko ry’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal BARANDAGIYE,kw’igenekerezo rya 24 Munyonyo 2017, avuga ko ihagarikwa ry’ibikorwa vy’iryo shirahamwe yarisabwe na mugenzi we ajejwe uburimyi n’ubworozi, Deo Guide RUREMA.

Abarimyi n’aborozi bagera ku bihumbi 98 bo mu ntara zitanu arizo Muramvya, Ngozi, Mwaro, Kayanza na Gitega nibo bari basanzwe bafashwa n’ishirahamwe "One Acre Fund TUBURA", mu bijanye n’imigambi y’ukurima n’ukworora kijambere, ukubaha imbuto, ifumbire, hamwe n’ukubafasha mu gushinga amakoperative.

Ingingo y’uko ibikorwa "One Acre Fund TUBURA", bihagaritswe yamenyekanye mu bakozi vy’iryo shirahamwe mu kwezi kwa Munyonyo 2017.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Jew Ndumunyagihugu.Twarashimye Ingingo Umushikiranganji W,uburimyi Nobworozi Yafashe Ikareka Tubura Ikaduha Akavu !

    Ikindi Twomusaba Tubura Yatanga Akazi Kuba Chômeur !Nukuri Nkajewe Ndafise Umwana Yakorayo Ndabona Ko Yohavanye Yiteza Imbere.Narabe Ko Bokumvikana Na Tubura Kugira Akazi Kaze Kabandanye Burya Tubura Yafasha Kuba Chomeur !Nizere Ko Ryari Iterambere Nizere Ko Umushikiranganji Ko Azobitorera Inyishu !

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.