Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ishirahamwe PARCEM risaba ko hokwama haba umuco mu gutanga amasoko ya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe PARCEM risaba ko hokwama haba umuco mu gutanga amasoko ya (...)

Ishirahamwe PARCEM risaba ko hokwama haba umuco mu gutanga amasoko ya Reta

lundi 25 Nyakanga 2017

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 25 Nyakanga 2017, Faustin NDIKUMANA arongoye PARCEM amenyesha ko ata higanwa riba mu gutanga amasoko ya Reta kugira uwutsindiye iryo soko afashe umunyagihugu kuronka ico yipfuza no gutunganirizwa kuco akeneye.

Faustin NDIKUMANA avuga ko ibikenewe kugira amasoko ya Reta atangwe mu muco bihari ariko vyama bikorwa ata higanwa rihabaye, bigatuma ivyo bikorwa bigenda nabi.

Faustin NDIKUMANA atanga akarorero k’ibarabara rya MAKEBUKO-RUYIGI , urugomero rwa Kajeke, ibarabara rya Bubanza –Ndola n’ingene inyubakwa zimwe zimwe zubakwa n’amashirahamwe hatamenyekanye ingene yatowe.

JPEG - 15.2 ko
Faustin NDIKUMANA, umukuru w’ishirahamwe PARCEM

Ibindi muri PARCEM bavuga ko vyakozwe ata higanwa ribanje kubaho ni ibijanye n’ishirahamwe ryegeranya umwanda mu gisagara ca Bujumbura hamwe n’iritoza amahera ku modoka ku bituro vyo mu gisagara hagati.

Umukuru w’ishirahamwe PARCEM avuga ko vyakozwe gihutihuti ata vyigwa bibanje gukorwa mu kwerekana uko ayo mashirahamwe agiye kubikora hamwe no kwerekana ubuhinga afise hamwe n’ibikoresho kugira azoshobore gukora neza .

Mu gihe haciye imisi hatangujwe umwaka w’ubutungane ,Faustin NDIKUMANA asaba abajejwe ico gisata hamwe n’abantu bose bafise uruhara ku bijanye n’amasoko ya Reta guhagurukira rimwe kugira amasoko yame atangwa mu muco habanje kuba ihiganwa .


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.