Mu kiganiro umukuru w’ishirahamwe PARCEM yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 17 Nzero 2018,Faustin NDIKUMANA yavuze ko ivyo biganiro bibaye vyotuma abafise ibibazo ibi canke biriya hamwe n’abashikiriza amakenga yabo bashobora kubishikiriza inyishu zikabona gutangwa.
Umukuru w’ishirahamwe PARCEM ,Faustin NDIKUMANA yamenyesheje ko ibiganiro bihuza abantu bose bafise uruhara ku bijaye n’amafaranga y’intererano yo mu matora ya 2020, vyofasha kugira abotoza ayo mafaranaga uko bishakiye nabo bikora ku nyungu zabo babura aho bamenera.
Faustin NDIKUMANA yavuze ko ibigabiro bitunganijwe vyotuma haboneka umuco ujanye n’iyo ntererano y’amatora gutyo ibikorwa bikagenda neza.
Muri PARCEM bamenyesha ko ivyofatirwako kugira ico gikorwa kigende neza aruko igitigiri c’amafaranga akenewe muri ayo matora comenyeshwa,kumenya amafaranga Reta izoterera uko angana hamwe no kumenyesha urwego rujejwe gutoza ayo mafaranga.
Ibindi vyofatirwako mu gutunganya neza ico gikorwa nk’uko muri PARCEM babimenyesheje, n’ibijanye no kumenyesha amategeko ajanye n’ikonte ayo mafaranga ashirwako, kumenyesha uwujejwe kugenzura ayo mafaranga y’intererano y’amatora hamwe no gutanga icegeranyo c’amafaranga amaze gutozwa nko mu kiringo c’amezi 3.
Faustin NDIKUMANA yateye akamo sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro ko ariyo yari gutomora neza ibijanye n’uko ico gikorwa cokorwa yishimikije ibwirizwa rya 70 kuko ariyo ibitomora neza gusumba ibwirizwa rya 73 ryafatiweko.
IZINDI NKURU ZIJANYE N'IYI |
![]() Ishirahamwe Dutezanye Imbere rivuga ko ibikorwa vyaryo bifasha kugwanya amayarara mu gisagara
12.11.2018 |
![]() REGIDESO ivuga ko itangwa ry’amazi rizogenda nabi muri Mukaza na Ntahangwa
9.11.2018 |
![]() Pascal BARANDAGIYE avuga ko amashirahamwe 25 ariyo amaze kwiyandikisha
5.11.2018 |
![]() PARCEM rivuga ko ribabajwe no kubona umuce wa 5 w’ibiganiro ataco washitseko
26.10.2018 |
![]() ATRABU: hagiye kujaho ishure rizokarihiriza ubumenyi abashoferi
25.10.2018 |
SOMA IZINDI NKURU MURI "ishirahamwe"... |