Ishirahamwe PARCEM risabira abanywanyi baryo bapfunzwe umwidegemvyo w’agateganyo

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 30 juin 2017 saa 09:34
Yasomwe : 4437
0 0

Ishirahamwe ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo PARCEM risaba ko ubutungane butanga umwidegemvyo w’agateganyo ku banywanyi baryo batatu bapfungiwe mw’ibohero rya Mpimba,harimwo n’uwuserukira iryo shirahamwe mu ntara ya Muramvya Emmanuel NSHIMIRIMANA.

Mw’itangazo ishirahamwe PARCEM ryasohoye kuri uno wa kane igenekerezo rya 29 Ruheshi 2017,riterwako umukono na Faustin NDIKUMANA arirongoye,ishirahamwe PARCEM rimenyesha ko amatohoza yamaze gukorwa yerekana ko yaba abajejwe intwaro canke abajejwe umutekano ata ruhande na rumwe rurerekana ko hoba hari igikorwa co guhungabanya umutekano carimwo.

Muri iryo tangazo,ishirahamwe PARCEM rimenyesha ko abanywanyi baryo bahagaritswe kubera ukutabonakumwe igikorwa bariko barakora co kugabisha ku bijanye n’igiturire hamwe n’ihonywangwa ry’agateka ka zina muntu.

Ishirahamwe PARCEM rikamenyesha ko mu bijanye no kurwanya igiturire n’isinzikazwa ry’agateka ka zina muntu, umuntu agabisha abajejwe intwaro n’abajejwe umutekano,aba ari umukunzi w’igihugu.

Ishirahamwe PARCEM rimenyesha ko ryiyemeje gukorana n’ubutungane,mu ntumbero yo kubandanya amatohoza.

Mu giporisi bavuze ko abo banywanyi ba PARCEM bagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu ,kandi ko amatohoza yerekanye ko babikoze batabitumwe n’ishirahamwe PARCEM.


Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha