IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe RECOVI riramaze gusubiza mw’ishuri abana 15 bo mu (...)

Ishirahamwe RECOVI riramaze gusubiza mw’ishuri abana 15 bo mu Maramvya

lundi 2 avril 2018

Mu gihe kur’uno w’Imana igenekerezo rya 1 Ndamukiza 2018, abagize ishirahamwe RECOVI, APKD na GUU bariko bipfurzanya Pasika nziza hamwe n’urwaruka ishirahamwe RECOVI ryitaho, Cyriaque GAHUNGU, arongoye ishirahamwe RECOVI yavuze ko, kugira bashobore gusubiza abana mw’ishuri, ishirahamwe arongoye ryiyemeje ko rizoza rirabaha intumbero n’imigambi bokora kandi rikabafata mu mugongo.

JPEG - 25.1 ko
Cyriaque GAHUNGU, umukuru w’ishirahamwe RECOVI

Cyriaque GAHUNGU, avuga ko ishirahamwe RECOVI ryigisha abana imigambi yo kworora ibitungwa nk’ingurube, impene ndetse no kurima amashu n’ibitunguru, mu Gatumba, mu ntara ya Bujumbura, i Kiganda mu ntara ya Muramvya hamwe n’ahandi.

NAHIMANA Placide, umwe muri abo bana bagiriwe umunsi mukuru wa Pasika, amenyesha ko iryo shirahamwe ryabaziye nk’inyishu mu bibazo baza barahura kubera kutamenya.

Avuga ko ubu bageze ku ntambwe ikomeye muvyo kwiyumvira , ariko ko bakeneye abagiraneza boza barabashigikira mu migambi baba bariko bararangura.

Ishirahamwe ryishinze kugarukira ku bahuye n’ivyago RECOVI rikaba rimaze kuronka abishinze kuriserukira mu bihugu vya Amerika, Swede, Syrilanka n’ahandi.


Oscar NDAYISHIMIYE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.