Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Icegeranyo ca SOS-Torture kivuga ko Abarundi bahunze babandanya (...)
Icegeranyo ca SOS-Torture kivuga ko Abarundi bahunze babandanya guhohoterwa
mardi 24 octobre 2017
Nk’uko biri mu cegeranyo c’ishirahamwe SOS-Torture cerekana uko ibintu vyifashe mu bijanye n’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu mu kiringo c’amezi atatu, ishirahamwe SOS-Torture rimenyesha ko ihungabanywa ry’agateka ka zina rishikira n’abarundi bahungiye mu bihugu bihana imbibe n’Uburundi.
Muri ico cegeranyo, ishirahamwe SOS-Torture riragaruka kw’isinzikazwa ry’agateka k’impunzi, aho rigaruka ku bwicanyi bwahitanye abarundi 39 mu gisagara ca Kamanyola, mu buseruko bw’igihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo.
Ishirahamwe SOS-Torture rigasaba kandi Reta y’Uburundi gukurikirana aho amatohoza mpuzamakungu yasavye ageze ku bijanye n’ubwo bwicanyi, kugira abokwagirwa n’ico caha bamenyekane bngere bashikanwe imbere y’ubutungane.
Muri ico cegeranyo kandi ishirahamwe SOS-Torture risaba ko umutekano w’impunzi z’abarundi bari mu gihugu ca Tanzaniya wokurikiranwa kuko hari bamwe muri bo baterwa ubwoba bwo gutaha ku nguvu abatemeye gutahuka nabo kandi bagaterwa ubwoba.
Ishirahamwe SOS-Torture rimenyesha ko inzira yonyene yotuma ihungabanywa ry’agateka ka zina muntu rihagarara ar’uko vyoca mu nzira zizwi n’amategeko mu gihugu no ku rwego mpuzamakungu kugira ukudahana ivyaha bihagarare mu gihugu.
MUGISHA Van Naris