Ishirahamwe mpuzamakungu ry’urukino rwa Tayikondo ryahinduye izina

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 27 Ruheshi 2017 saa 04:52
Yasomwe : 3780
0 0

Ishirahamwe mpuzamakungu ry’urukino rwa Tayikondo ryahinduye izina riva kw’izina rya “ world Taekwondo Federation “ ryitwa “ world Taekwondo .”kuko uko ryahora ryitwa vyatuma babiha insiguro mbi itajanye n’imico.

Izina “ World Taekwondo Federation “ (WTF ) ry’uwo mugwi ryari risigaye ryarakwiragiye ku mbuga ngurukanabumenyi nk’ico bita mu rurimi rw’Igifaransa ( c’est quoi ce bordel ? ) ijambo ridatanga ishusho nziza mu mico.

Umukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ry’urukino rwa Tayikondo Chungwon Choue yavuze ati: “ Muri ino minsi , izina ry’ishirahamwe ryacu benshi bari basigaye bariha insiguro mbi itariyo “

Mwomenya ko iryo zina rishasha ry’ishirahamwe mpuza makungu ry’urukino wa Tayikondo ryashizwe ahabona imbere y’uko inkino mpuzamakungu za Tayikondo zitangura ku musi wa gatandatu igenekerezo rya mbere Mukakaro 2017,mu gisagara ca Muju muri Koreya y’Epfo .


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha