Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe ry’abascout ryateguye igiteramo mu guhimbaza umunsi wahariwe (...)
Ishirahamwe ry’abascout ryateguye igiteramo mu guhimbaza umunsi wahariwe abakenyezi
mercredi 7 mars 2018
Nk’uko bishikirizwa n’uwurongoye ishirahawe ry’aba scout mu ntara y’Imbo Valerie MBONIMPA, ico giteramo kizoba kigizwe n’intambo kavukire,intambo njabukamazi hamwe no kwiyereka (Defile).
Valerie MBONIMPA avuga ko, ico giteramo kizoba, kuva isaha icumi na zibiri z’umugoroba gushika isaha zibiri z’ijoro, ku civugo : « Harageze ko twese dukora ibikowa vy’aba scout mu ntumbero yo guhinduka no mukwisanzura kw’umukenyezi. »
Ishirahamwe ry’aba Scout ku rwego rw’igihugu rizohimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi, kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante 2018,mu ntara ya Muyinga.
Umunsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi ku rwego rw’igihugu, uzohimbarizwa ku murwa mukuru w’intara ya Kayanza.
Callixte Carpe NDIKUMANA