Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko ku munsi wa mbere ariho hapfuye abantu benshi kuva hatanguye imyiyerekano y’urutavanako ku rubibe rwa Gaza rugizwe n’intsinga haraheze indwi.
Ku musi wa kabiri uhuriranye n’ukwibuka imyaka 70 iheze, abanyepalestina bita Nakba- aho abanyepalestina benshi bomoka bivuye ku ntambara yo gushinga igihugu ca Isirayeri.
Aho mu karere ka Gaza, ibintu bias n’ibitoroshe cane, kandi bigiye gufata iyindi ntumbero, kuko hari n’iyindi mishamirano yitezwe mu karere ka Gaza, mu gihe abapfuye bazoba bariko barahambwa.
Imidurumbanyo yo ku wa mbere yadutse igihe Amerika yari mu birori vyo kwinjira inyubakwa yabo y’ubuserukizi ya mbere i Yerusaremu, ingingo yababaje cane abanyepalestina.