IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Isirayeri : Sentare yahagaritse umugambi wa Reta wo kwirukana (...)

Isirayeri : Sentare yahagaritse umugambi wa Reta wo kwirukana abimukira

vendredi 16 mars 2018

Amakuru dukesha uruga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko umurwi w’abimukira bavuye mu bihugu vya Eritreya na Sudani aribo bashikanye ikirego muri sentare.

Sentare yategetse Reta kuzana izindi nsiguro ku mugambi wayo wo kubwiriza abo bimukira kuba bagiye uku kwezi nikwahera, canke bagapfungwa bakazonirukanwa ku nguvu.

Igihugu ca Isirayeli ciyemeje gutanga amatike y’indege ya gusa hamwe n’ibihumbi bitatu vy’amadorare y’abanyamerika, kuri umwe wese yemeye kuva muri ico gihugu.

Umushikiranganji wa mbere wa Isiraheli, Benjamin Netanyahu, avuga ko izo mpunzi ari nk’abasomyi b’urusaku.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.